Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryahagaritse amahiganwa yose y’umupira w’amaguru yahora atunganirizwa mu ntara ya Karusi hamwe n’izindi nkino zibera ku kibuga Bugenyuzi .
Izo ngingo FFB yazifashe inyuma yaho ku musi wa Pasaka igenekerezo rya 09 Ndamukiza 2023 habereye imishamirano hagati y’abafana b’umurwi Kalifumu Fc hamwe na Mamba Vert Fc , iyo mishanirano nayo ikaba ariyo yatumye umukinyi yitwa Siméon akinira Mamba Vert yitaba Imana abanjwe gukubagurwa .

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi rikaba ririndiriye ibizova mu matohoza yimbitse kugira rifata izindi ngingo zibereye .