Entertainmenthomepagekirundi

Big Zoe Kuri Gatanu ngo aya mbere ayashaka mu ntoke

Big Zoe agiye gushira ahabona Mixtape yahaye akazina ka Gatanu nkuko uwo muririmvyi yabituyagiye. Iyo Mixtape ikaba izoba igizwe n’indirimbo 11.

Izo ndirimbo 11 zikaba zizumvikanamwo abaririmvyi batari bake, barimwo bashasha hamwe n’umwe wa kera uwo nawe akaba ari Prince Mushindi azukwunvikana mu ndirimbo 5, ari nayo itwaye iyo Mixtape.
Muri iyo Mixtape Big Zoe yavuze ko hazumvikanamwo imidiho mishasha, irimwo za Drip n’izindi zikunzwe n’urwaruka rucaruka.
Nkuko uwo muririmvyi yabituyagiye, izo ndirimbo ntizizoshoka zishirwa ku mbuga zigurisha umuziki, ahubwo azobanza Kuzigurisha Kuri CD no kuri Whatsapp, amafaranga ayahabwa Kuri Telephone, mu nyuma abone kuzishira Kuri iyo mihora.
Uwo muririmvyi yatubwiye ko hagati y”ishirwako Kw’iyo Mixtape Gatanu Kuri Izo Platform zigurisha umuziki hamwe n’umusi zizotangura kugurishwa bisanzwe ariwe yakira amahera, ngo hazocamwo amezi 2.
Big Zoe akaba atazoba abikoze irya mbere, kuko amaze kubikora uko nyene ku zindi ndirimbo yigeze gukora, aho naho nyene yabanje gusaba abazikeneye ko bazimugurira we ubwiwe, Imbere Yuko zishirwa Kuri Platform zigurisha canke ushobora kwumvirizako umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590