Twabamenye Inyuma y’ivyago bahuye navyo ivyabo bigasha bagitokombera bagasigara bifumbereje, nayo umupfasoni Élisabeth ubukene bumaze kumuzengereza agitamwo gutana abana mu nzu Peniel ariyomokera.
Uwo mugore n’umugabo bompi bakaba babarizwa mw’ikambi y’abateshejwe izabo mu Gatumba kumvo z’umwuzure w’amazi nibo barushinze imbere y’amategeko.
Kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza umwaka 2023, baraye bubatse imbere y’amategeko y’igihugu basezerana kubana akaramata.
Peniel azwi kw’izina rya Papa Évrard arakengurukira mwese mwabonye amakuru yiwe kuri Indundi TV muratabara, arakengurukira kandi n’Ishengero Holy Center ryamwakiriye ritamuzi rikanamufasha haba ku mutima no ku mubiri. Ngo umutima wo gutabara mwamweretse nawe azowereka abandi .
