Amazina yiwe yahawe n’abavyeyi ni Richard HAKIZIMANA Yavukiye mu Burundi mu Ntara ya Bujumbura muri Ntahangwa muri quartier ya Kamenge.
Yavutse mu mwaka w’ibihumbi bibiri (en 2000) akaba afise imyaka mirongo ibiri n’itatu (23ans),n’umuhungu agira kabiri mu bana bane bavukana.
Yinjiye mu muziki mumwaka wa 2017 ari mu murwi Jagaban Team International wari ugizwe n’imisore ine hamwe n’umukobwa umwe (Nay Chris ;Wiz Designer;Jb Brown…),Umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n’umunani (2018) binjiye muri Studio bakora indirimbo bise JOTO Hamwe n’izindi zagiye zirasohoka.
Mu mwaka wa 2019 baratandukanye Hasigara babiri ico gihe bakoze indirimbo bise Fine Girl; munyuma batangura gukora umwumwe ukwiwe ariko ngo ntibigeze basambuka Jagaban Team International iracahari.
Haciye Imyaka ibiri atanguye kwikorana yatanguriye ku Ndirimbo yise NO STOP yakozwe n’umuhinyanyuzi Cjay Probeats..
Mu mwaka wa 2022 yinjiye muri Lebel Yitwa FREEWAY ENTERTAINMENT Irongowe nuwitwa Felix bakaba bamaze kumufasha gusohora indirimbo zigera kuri zine harimwo ATTENTION,SOMESHA,BON ACCUEIL Hamwe niyo aheruka gusohora Yise FOLLOW.
Afise Video 3, kugeza ubu urubuga rwiwe rwa Youtube rufise abamukurikirana barenga Igihumbi n’amajana atanu (+1.500Subscribers) Hamwe na Views zigera ku 31.941
Ushaka gukurikirana ibikorwa vyiwe ushobora guca kuri iyi link musi maze umushigikire