Umuririmvyi August Burundi abarizwa muri “Irebe company”yari yemereye abakunzi biwe amasanamu y’indirimbo Nyamwigendako nubwo vyagoranye igikorwa ngo caraheze.
Uwo muririmvyi arashimira cane Fiston yigeze gutumwa na Natacha muri Tanzania kugira anonosore umwuga wiwe wogufata amasanamu ,akarorero ka vidéo amaze gukorera August ni Dukunde Uburundi ubu naho ngo yahejeje gukora indirimbo Nyamwigendako indirimbo benshi bari bibazako yoba yarayihevye kuyikorera amasanamu.
Nkuko yabikoze vidéo ya Nyamwigendako mukuyirindira yabanje kuduha indirimbo yitwa “Muri Beza”Ubu rero kurindira ngo vyaratunganye hasigaye KO management itanga isango nayo igikorwa caraheze.
Tubibutseko atagihindutse mu misi ya vuba August agiye kuza mu gihugu c’amavukiro muri Festival yiwe yise Dukunde Uburundi izoba ihurikiyemwo abanyakaranga batandukanye
Nawe warunyotewe kubona amasanamu ya Nyamwigendako?