EntertainmenthomepageUncategorized

Drama T yoba yashatse kwerekana iki?

Mu gihe hariko havugwa Ivya Big Fizzo, ko ugufata indege ari ibisanzwe kuriwe, ngo bisigaye bimeze nk’ugufata bus, Drama t nawe ashizemwo ikirenge.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, Drama T yerekanye ko ikibazo c’amafaranga atari ikibazo gikomeye kuriwe, aho yerekanye amafaranga yinjije naho hatamenyekanye igihe vyafashe kugira ayinjize.

Amafaranga yerekanye, yerekanye ama Dollars ya Amerika 3,523 $, yongera yerekana amafaranga arihwa harabwe Indirimbo yiwe incuro 1000, aho bamuriha $4.
Drama t abantu ntibamworoheye kuko yabwiwe ko mu ndero y’ikirundi, ngo ata werekana amafaranga yinjije, ngo bari bibaza ko yakuze, ariko ngo bwa bundi aracari uwo guciribwa umugani.
Abandi bishura abagize ico kibazo, ko atarivyo na gato, kuko ngo ico yashatse kwerekana n’ubutunzi afise, ariko ngo n’ukugira abantu babone ko za ndirimbo ziwe atazigurira ama Views.
S’abo gusa kuko abandi n’abo bahavuye bavuga bati bwa bundi mu muziki harimwo amafaranga naho bamwe muribo barira ayo kwarika ko ata mafaranga ava mu Muziki.
Ikibazo cahavuye kiboneka n’ukwibaza nimba Drama T yerekanye amafaranga yinjiza ku mpamvu iyihe? Kuko ibi yaheruka kuvyerekana igihe hariko havugwa ko iyo ndirimbo yiwe ITamporize yaguriwe Views.
Ivy’ayo mafaranga, bikaba bikurikiranye n’igikorwa co gusohoza umuririmvyi Baouden mu gasho, aho inzira yagira afate yari iyo mu Mpimba, kuko hari habuze ama $100 kugira harihwe ikiyo c’imodoka yamenye.
Ibintu vyo kwerekana amafaranga yinjiza, Drama T akaba ari wenyene mu baririmvyi b’abarundi abikora. Abandi bakaba bavuga ko ibintu vyanse gose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 566