Entertainmenthomepagekirundi

Kwa B Face ngo akanuko ntako

B Face inyuma yo kubwira DJ Paulin ko yarakwiye gufasha abaririmvyi banuka akabagurira agasabuni n’aga Perfum, ubu naho yamusavye Liste yabo ngo abakorereko.

Kuri uyu wa gatanu, umuririmvyi B Face yabonetse muri Video arikumwe na DJ Paulin, aho yumvikanye avuga ko DJ Paulin yasanze uwo muririmvyi umunuko atawo, no mu kwambara avyifatamwo neza, Kandi ari muri bamwe borengutswa imbere y’abanyamafaranga.
Nta wuzi ivyo barimwo, ariko ikimaze kuboneka co nuko bo uko ari 2, basanzwe bacuditse, kuko bari bamaze gukorana akatari gake, kandi bishoboka ko hari n’ibindi bariko barategura.
Iyo Video yatanguye kuvugisha abatari bake barimwo, abafana n’abamenyeshemakuru kuko twovuga nkaho vyoba ari imbonekarimwe.
B face ashikirije ibi mu gihe mu misi iri imbere ariko arategura gushira ahabona amasanamu y’indirimbo ntanderugira iri mu mudiho wa Hip-hop.
Anabishikirije Kandi mu gihe yarariko aravugwa kubera uburyo yari yambayemwo Ishati, ku mafoto aheruka gushira ahabona. Uwo muririmvyi akaba agashati yari yafunguye agatuza yashize hanze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590