Entertainmenthomepage

Umu nyarwenya Arthur Ban yaraye asezereye Ubusore n’ikirago ca we nyene.

Hari kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza aho yemanga imbere y’abaserukira l’ETA mu Nyakabiga kumwe n ‘imiryango Ko agiye kwubakana n’Umupfasoni Ininahazwe Francine, umwigeme yemeranya n Umutima wiwe KO ari uwambere mw’isi yose iyo iva ikagera.

Ivyo ngo ntibihereye ngaho Ban ngo ni umugabo ategerezwa kw’ikwera, akaba ategekanije kujana iraro ry’inka kwa ba Francine kw’igenekerezo rya 21 hakazoba ari Ku musi wa gatanu.
Nayo bukeye bwaho kw’igenekere rya 22/04/ 2023, akazoca yerekana umufasha wiwe mu birori bizobera mu Kinanira ca 3 rue Gitanga Ku nomero 7.
Akaba utumiye , abamenyeshamukuru bitaho ivy’imico n akaranga, kumwe n’abafana bakaba bahawe ikaze no kuvuga ivyo babonye na cane cane mw’itunganywa ry’urwo rubanza.
Ni akahe kajambo mwombwira uwo mu kinyi w’amareresi na cane cane ayo gutwenza?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 547