abakinyi bakina hanzefootballhomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports| Abasifuzi bo mu Burundi baraye baterereye imifuko 100 y’isima ku kibuga Intwari

Igikorwa co kwubaka ikibuga Intwari kibandanya citabirwa ku buryo bushimishije .

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2023 , isaha zibiri zo mu gitondo niho abahagarikizi bo mu Burundi baserukiwe n’umutware  wabo Murengerantwari Evariste bari baramutse bakorera ibikorwa rusangi ku kibuga citiriwe Intwari .

Evariste Murengerantwari akaba yamenyesheje ko urugero abahagarikizi bitabiriye ivyo bikorwa rushimishije naho bari bizeye ko hari kuza benshi basumba abari bavyitabiriye .

Evariste ntiyasivye gushimira abantu bose bariko bitabira ibikorwa rusangi vyama vyakorewe kuro ico kibuga ndetse n’abipfuza guterera babandanye baterera.

Mwomenyako inyuma yaho igisata c’abahagarikizi mu Burundi caciye gitanga imifuko 100 y’isima nk’intererano mw’isanurwa ry’ico kibuga .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 664