Birangiye Umunonotsi Mpuzamakungu w’Umurundi Thierry Ndikumwenayo ahagaritse guserukira Uburundi .
Hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2023 aho haramutse handikwa amakuru avuga ko Thierry Ndikumwenayo atazosubira guserukira Uburundi mu nkino zo guhiganwa kw’isi yose .
Mbere n’ishirahamwe ryo kwinonora imitsi ryo muri Espagne rikaba ryamenyesheje ko uwo munonotsi agiye kuza aserukira igihugu ca Espagne .
Iyo nkuru yatumye abarundi batangara cane kuko vyahora bizwi ko iyo agiye hanze aba agiye guserukira igihugu camwibarutse.
Mwomenyako Ishirahamwe rya Athlétisme mu Burundi riheruka kumuha agashimwe mu ntumbero yo kumutera intege mu mwaka uheze 2022.