Communaute y’abarundi baba muri Canada, uno mwaka irungu ntirizobatera, kuko abatari bake mu barundi bagiye gukuranwa mu kubateramisha.
Hampande ya Double Jay, Vania Ice na Drama T bagiye kuzoteramisha abarundi muri Canada, na Mugenzi Alfred Aubin benshi muzi nka Kigingi nawe ngo agiye gutangura kujayo.
Nkuko vyabonetse ku rubuga rwa Instagram rwa Mucowintore Boris Evrard asanzwe ariko akorana n’abatari bake mu bikorwa bariko barategura gukorera Canada, yanditse ngo :” Kigingi and Canada Soon As Well.”
Ayo majambo yabonetse muri Story ya Instagram yiwe, akaba yaje ashimangira ivyaheruka gushikirizwa na Kigingi aho yamenyesheje ko Vuba cane azokorera igiteramo muri ico gihugu.
Naho hamenyeshejwe urwo rugendo, ntiharavugwa umusi, canke ukwezi ico gikorwa kizoberako.
Abandi bitezwe muri ico gihugu, barimwo Benit Sexologue kuko nawe yabonetse arikumwe na Boris nyene aho nawe yashikirije ko biramutse bishobotse ngo Vuba cane uwo Mugabo azokorera muri ico gihugu ibikorwa.
Boris Evrard akaba hampande yo kwakira abanyarwanda batari bake bakoreye ibiteramo muri ico gihugu, agiye Kandi gutangura Kuza arakora n’abarundi nkuko vyagiye biraboneka.
Boris Evrard, akaba Kandi ari nawe murundi akunze kuboneka mw’itegurwa ry’ibikorwa bihuza abarundi baba muri ico gihugu.
Ivy’ibiteramo biriko bitegurirwa ba baririmvyi Drama T, Vania Ice na Double J muri ico gihugu, vyo bikaba bitakiri inkuru, kuko abo baririmvyi n’uwuriko arabafasha ariwe Bizimana Paulin benshi muzi nka Dj Paulin, bamaze kuboneka Baja I Kigali gukora ama Process y’ama Interview y’iyo Visa yo muri Canada.
Mukamenya ko Kigingi aronse iyi Visa, azoba yugururiwe umuryango wo muri Canada nawo, kuko i Buraya ho yamaze kuhagira muhira.