Entertainmenthomepagekirundi

Mista Champagne ngo umukenyuro yawumenye nta wugisubira kumukamga

Mista Champagne ngo n’abafise Imiliyoni 2 z’ababakurikirana muri Tanzania ngo ntibakimutera ubwaba kuri YouTube.

Mista Champagne aheruka gushira ahabona amasanamu y’Indirimbo, Kajala, yamenyesheje ko ubu amaze kubona umukenyuro w’uburyo ibintu bigenda, yongerako ko amaze no kumenya n’igitigiri c’abafana biwe.

Uwo muririmvyi ivyo akaba yabishikirije kubera amasanamu y’iyo ndirimbo yiwe, Kajala, yakwije Views 100,000, ku rubuga rwiwe rwa YouTube mu kiringo c’imisi 6, Kandi we muvyo yipfuza, yashaka ko izishikana mu misi 7.
Mista Champagne yanagiriyeko Kandi anerekana umugwi w’abaririmvyi bo muri Tanzania bitwa, Navy Kenzo, n’abo basohoreye Indirimbo umusi umwe, iyo ndirimbo n’abo nyene ikaba igeze ku 100,000.
Mista Champagne yavuze ko naho uwo mugwi ufise abawukurikirana benshi cane Kuri Instagram barenga 2,000,000, ngo bidasigura ko batavyifashemwo neza, ahubwo ngo niho n’abo bageza.
Uwo muririmvyi akaba yanavuze ko yarahiye kuzogura ama Views, kuko ngo ntabuze amahera yo kugura Views 300,000 mu misi mikeya, ariko ngo we ico yipfuza kwari ukugenda gahoro gahoro.
Iyi ndirimbo ikwije Views 100,000 mu ndwi 1, ikaba Ari Indirimbo yanakorewe Promotion n’uwo mugore Kajala, Kandi ni Indirimbo yabashije kumenyekanishwa mu binyamakuru muri Tanzania, kubera ibiganiro vyagaruka cane Kuri Kajala vyakozwe muri Tanzania.
Aha mukamenya ko Mista Champagne Ari umuririmvyi yabashije kumenya uburyo akina n’ibinyamakuru muri Tanzania, kuko buri gihe muri ico gihugu ikiganiro kimwe c’aba gitegura ibibazo azobazwa mu kindi kiganiro, nkuko vyabashije kuboneka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 586