Entertainmenthomepagekirundi

Sat-b akaba asubiye gufata ikibanza ca 1

Mu gihe Bizimana Aboubakar karume benshi muzi nka Sat-b yaheruka kuba Verified Kuri Twitter, uwo muririmvyi ubu naho asubiye kwerekana iyindi ntambwe yateye.

 

Uwo muririmvyi w’inkuru y’ukuri, abaye umuririmvyi wa mbere w’umurundi akwije Subscribe 200,000 ku rubuga rwa YouTube. Akaba Kandi ari nawe asanzwe afise ikibanza ca 1 Kuri urwo rubuga, anafise Views nyinshi kurusha abandi.
Sat-b mu butumwa yatanze yashimiye uwo muryango utari muto wemeye kubana nawe muri urwo rugendo.
Sat-b, akaba adafata ikibanza ca 1 Kuri urwo rubuga gusa, kuko no kuri Instagram, na Facebook Sat-b akaba aza mu kibanza ca 1 mu baririmvyi ba hano iwacu bakurikiranwa cane.
Umuririmvyi Mista Champagne akaba ariwe aza mu kibanza ca 1 Kuri rubuga rwa TikTok mu gukurikiranwa cane, kuko we amaze gukwiza abamukurikirana barenga 100,000.
Mu kiganiro Open Mic gicishwa kuri Akeza, hamenyeshejwe ko abaririmvyi bakiri bato ngo nibo bafise ababakurikirana cane Kuri Izi mbuga, kuko bo ngo bazi neza uburyo zikoreshwa.
Mu mpanuro zatanzwe, bakaba basavye abatabizi kurondera ababafasha kugira hamenyekane uburyo bwo kuzikoresha, kuko ngo izo uno musi arizo soko ry’ukumenyekana gukomeye.
Aha mukamenya ko Kuri izo mbuga, ukudasangiza abagukurikirana ibikorwa vyawe, birimwo ama FOTO n’ama Video, biri mu bituma urubuga rudakura ngo rugire aba Subscribe benshi cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 586