Ishavu riraniga kwa Cedric Bangi kubera ishirahamwe ry’aba Metis mu Burundi, ngo boba batamuhaye n’aga fanta Kandi baramukoresheje.
Uwo Mugabo akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, yavuze ko Issa Niyongere, asanzwe atwara iryo shirahamwe ry’aba Metis, ngo yamwandikiye Indirimbo ihayagiza aba Metis, harihwa Studio, noneho Indirimbo irasohoka ariko ngo aca arabika.
Iyo ndirimbo ngo ikaba imaze imyaka 2 ikorewe Kwa Amir Pro.
Kuvaho Big Fizzo rero ngo abavugiye, ngi iyo ndirimbo yaciye inyeguruka, ubu ikaba yaciye ishirwa Ku rubuga rwa YouTube na Facebook.
Cedric Bangy n’akababaro kenshi, yagirije Issa Niyongere kuba intashima, kuko ngo kuva amukorera ivyo yamusavye atasubiye Kandi kumukubita ijisho. Yamubajije nimba yibuka ko yarishe Studio gusa, uwanditse Indirimbo atigeze amuriha.
Cedric Bangy yanagirije uwo Mugabo atwara iryo shirahamwe ry’aba Metis mu Burundi, kuba atahaye agaciro iyo ndirimbo kuko iyo ndirimbo yabitswe, Kandi yari yakozwe ngo ivugire aba Metis, ariko ngo bimunanira no kuyitanga Kuma Radio.
Cedric yanavuze ko hari uwundi Mugabo yashatse kumwaka iyo ndirimbo ngo amubwira ko ariwe nyene iryo shirahamwe kuko Issa yaryivye, ariko ntiyabasha kuyimuha.
Cedric rero ntiyatamvye yirorera, kuko Bobona bagize imisi batavuga rumwe kubera ibintu bitarabasha kumenyekana, ariko bose uko ari 2 bagarutse cane kuri ca Kibazo Kiri hagati ya Big Fizzo na DJ Paulin, yahavuye amutekerera impanuro.
Bobona yanditse nawe nyene akoresheje urubuga rwiwe rwa Youtube agira ngo:” Cedric Bangy, Ikibazo Kiri mu ntoke y’ababishoboye, wewe ntavyo ushoboye. Niwaba wakoze wizeye udu Pourboire, nibaza ko ukuri aruko Musique yawe iri nul, uririmba nabi, rindira urahabwa ibikorwa vy’abana bakora ibivuye ku Mutima.”
Iyo zuguruzuguru, ikaba ibonetse inyuma yaho Big Fizzo aherewe inkebuzo n’iryo shirahamwe kubera ivyo yashikirije aho yari mu giteramo muri Guerra Plaza. Ico gihe akaba yamenyesheje ko agiye gutanguza intambara hagati yiwe n’umudimudimu, ariko Kandi anavuga ko ata murundi w’umudimudimu abaho.
Ikibazo rero cibazwa ni nimba azohava asaba ko iyo ndirimbo ikurwa Kuri izo mbuga, gushika ahawe aga fanta yavuze, canke imyidogo yiwe yagarukiye Kuri Facebook gusa.