Ishirahamwe FS Global ryama rifasha imiryango itishoboye ryaraye ritanze imfashanyo ku ba nya Kamenge .
Hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2023 , Isaha zitanu zo mugitondo ( 11h00) , aho ishirahamwe FS Global ryama rifasha imiryango itishoboye ryaserutse ku bana b’imfuvyi bo mu Kamenge hamwe na ba ntaho nikora .
Hatungimana Michel asanzwe ari umurongozi wa FS Global mu gihugu ca Africa yepfo hamwe no mu bihugu bitandukanye vyo muri Africa , yabwiye indundi TV
ko batanze iyo mfashanyo ku bana b’impfuvyi na ba ntaho nikora nkuko bama babikora.
FS Global rikaba ari ishirahamwe rifasha impfuvyi n’abatishoboye nk’abagendana ubumuga , abapfakazi n’abatama bageze muza bukuru .
Iryo shirahamwe rikaba ryifadikanya n’irindi shirahamwe ryitwa Berry , iryo naryo rikaba rikora mu bijanye n’ubuhinga bwa none rikabafasha no kwiteza imbere .
Akunguko umuntu aronka muri iryo shirahamwe FS Global ni mu gihe umaze kwinjira muri Berry Exchange ugaca ikwigisha ingene wotera imbere utanguriye ku mutahe w’amafaranga make cane .
Utangurira ku madorari 50$ ugaca ugenda wunguka .
Iryo shirahamwe rikaba rikorera mu gisagara ca Bujumbura kuri Saint Michel aho bita kuri Ndongozi .
Niyonzima Bosco asanzwe ari umwe mu barongozi ba FS Global , yabwiye indundi ko bamaze kubona akunguko baciye bahitamwo kuza barafasha abatishoboye , mbere akaba yavuze ko nkuko bama babikora ahandi ariko bagiye kubandanya babikora .
Ivyo bashoboye kwegeranya bikaba ibiro ari 50 vy’umuceri , ibiro 100 vy’ibiharage , ibiro 100 vy’intete z’ibigori, Ibiro 20 vy’ingano n’ibiro 10 vy’uburo , ibiro 25 vy’umunyu , ibiro 5 vy’isukari , ikarato zibiri z’isabuni hamwe n’ibiro 10 vy’amasaka.
Mwo menya ko intumbero nyamukuru yo guterera abantu batishoboye ni iyo kwitabira akamo k’umukuru w’igihugu ko kuvuga ko umunwa wose uronke uco upfungura.