Abajejwe umuteko no kwivuna abansi mu gihugu nabo nyene ntibasivye kugira ico baterereye ku nyubako y’ikibuga citiriwe Intwari.
Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2023 Isaha zibiri zo mugitondo (8h00) ku nyubako y’ikibuga c’Intwari , aho ishirahamwe ry’imvukira zo mu gisagara ca Bujumbura na cane cane zirangurira imirimo yazo mu nzego zijejwe gucungera umutekano no kwivuna abansi zashoboye gutanga imifuko 120 y’isima mu ntumbero yo guterera agacumu k’ubumwe mu kwubaka Stade Intwari .
Mwomenya ko inyuma yaho abari muri iryo shirahamwe baciye berekeza ahitwa kuri Jardin Public guhimbaza umwaka mushasha aho ivyo birori vyari vyitabiriwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Général de Brigade de Police Jimmy Hatungimana .