Abatari bake mu barundi ngo barashigikiye ingingo yafashwe n’umunonotsi w’umurundi Ndikumwenayo Thierry, naho bamwe bamufashe nk’igihemu kuko asa n’uwateye umugongo Uburundi.
Amakuru mashasha yabonetse nuko Federation ya Athletisme yo mu gihugu ca Espgane riheruka kumenyesha ko uwo munonotsi agiye gutangura guhiganwa kw’izina ry’igihugu ca Espagne.
Kuva iyo nkuru ija ahabona, abantu bameze amababa, kuko badahuriza Kuri iyo ngingo yafashwe n’uwo munonotsi ngo yaheruka gushimirwa na Federation ya Athletisme ya hano iwacu kugira bamutere intege nkuko twabibashikirije mu makuru yacu ya Sport.
Abafana babashije kugira ico babivugako ntibahuza, bamwe bavuga ko uwo munonotsi ngo atarakwiye Gutera umugongo igihugu ngo nuko adahabwa ivyo aba yipfuza, kuko ngo nta wanka kwonka Nyina ngo agwaye amahere.
Abandi n’abo bakamubwira ko utwo duke abasha kuronka ngo twari dukwiye kumubumba, kuko amaronka menshi aziba amatwi.
Abandi nabo bahagarara ku bushobozi bw’ayo ma federation uko ari 2, abo havugwa ko igituma uwo munonotsi asezeye Uburundi ngo ari uko agiye ahari ibijumbu vyinshi.
Abandi nabo bakaba bashira ikosa Kuri Federation ya hano iwacu, Kuko ngo atari kugenda iyaba bamufata neza. Aha uwabishikirije akaba yatanze akarorero k’uburyo hari umu Karateka yagiye mu bufaransa mu mwaka uheze none ngo agenda wenyene Kandi hariho Federation ya Karateka hano iwacu.
Aya magorwa y’abanonotsi agaca yibutsa ibibazo vyigeze gushikira Francine Niyonsaba akaza kuvyidoga, aho hahavuye havugwa ko amakosa yoba yabaye ku baserukira Federation ya Athletisme batamubaye hafi mu gihe yari yarenganijwe muri ayo mahiganwa.
Ubu rero ibintu bikaba bitoroshe Kuri izo mbuga, aho abatari bake babandanya berekana ko ata gihindutse, ngo n’abandi bazohamvya Ibindi bihugu, kuko bo bamaze kubona uburyo bwo gufata neza abanonotsi kuko bazi ko ari inzahabu zigendera.