Cocoda n’umuririmvyi w’umurundi aba muri l’ETA zuze ubumwe bwa Amerika igituma yasokoye mw’ihiganwa ritegurwa na DICOBU ngo nuko yaronse ingorane zo muri Famille yamara abategura iryo higanwa arabemera.
Uwo muririmvyi asanzwe avuka mu Ntara ya Muyinga ngo ntamwaka uhera ataje mu gihugu c’amavukiro.
Uwu mwaka wa 2023 mu kiganiro yahaye indundi Tv yavuze igituma mu kuza mu gihugu c’Uburundi adakunda kubimenyesha abantu kugira bamutegere, ngo nuko abona KO agifise igikorwa kinini co gukora izina ryiwe ribanze riduge
Uwo muririmvyi yongeye arasigura igituma badakunda gusohora indirimbo bari mu mahanga ngo nuko abahinyanyuzi badatahurana k’undirimbo, bobo bababakeneye ndetse n’ibiciro birarenze.
Yongeye aranashingira intahe ihiganwa ritegurwa na DiCobu irongowe na Samwel Ndayiragije ko ritunganijwe neza yongera aranamukeza kuciyumviro ciza biyumviriye co guhiganisha abaririmvyi basanzwe baba muri Amerika nubwo ataramenya neza yuko azoja muriryohiganwa kumvo atashimye gushira neza ahabona
Yarangije asaba abantu bategura amahiganwa kutaza bararaba kamwana wa mama biteho kumpano zishoboye koko
Indirimbo aheruka gusohora yitwa “Mama Afrika “mubandanye muyishigikira IRI kuri youtube ni “Cocoda”