Entertainmenthomepagekirundi

Hakuna Matata RmX ngo yaramushize ku rundi rwego

R Flow ngo gukora RMX ya Hakuna Matata ngo vyabaye Inyungu ikomeye kuriwe, kuko ngo vyatumye atera intambwe ikomeye mu Muziki wa hano iwacu.

Uwo muririmvyi ari mu baririmvyi bamaze kumera imvi muri uno mwuga wo kuryohera abantu biciye mu kuririmba, yavuze ko iciyumviro co kuyikora ngo kitavuye kuriwe.
R Flow yabwiye Juste Gael ko cavuye Kwa B Face ngo kuko we yari yakunze irya ndirimbo Hakuna Matata ya mbere.
R Flow yavuze ko kuba yaremeye ico ciyumviro agakoranya abo baririmvyi, naho atavuze nimba B Face ari nawe yamubwiye abo bokorana, ngo vyamugiriye akamaro gakomeye.
R Flow yavuze ko iyo ndirimbo yatumye aronka Views nyinshi kuva atangura kuririmba, kuko ariyo ndirimbo yiwe ya mbere ifise views nyinshi Kuri YouTube Kandi ngo vyamubereye akamaro Kuri we no ku gihugu muri rusangi.
R Flow Kandi muri ico kiganiro, yavuze ko afise vyinshi yigiye Kuri urwo runyangwe rurimwo rushasha bakoranye muri Studio, akaba yatanze akarorero ka Drama T yasanze uwo mwana w’umuhungu ngo ikintu bita kwandika ngo agishoboye cane, kuko ivyo yanditse ngo vyamutwaye umwanya muto cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590