Inyuma y’ikibuga citiriwe Intwari kiriko gisubirwamwo gushasha kugira kize kirakira inkino mpuzamakungu, ibibuga vya Basketball, Volleyball , Judo n’ibindi nivyo bizokurikira kandi bizokwubakwa mu kibanza kimwe .
Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe na Honorable Révérien Ndikuriyo asanzwe ahagarikira ibikorwa vy’inyubako y’ikibuga citiriwe Intwari ku musi wa gatandatu uheze igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2023 mugihe yari yaramutse ahakorera ibikorwa rusangi .
Ivyo bibuga bizokwubakwa ku ahitwa kuri CECINGA ni muri Commune Ntahangwa zone Ngagara nkuko vyashikirijwe n’uwo mwubahwa .
Mwomenya ko ivyo bibuga bahisemo kuvyubaka mu Ngagara bivanye nuko Umukuru w’igihugu yari yasavye ko ivyo bibuga vyo kwubakwa ahandi atari muri Zone Rohero niho guca bahitamwo Cecinga .