footballhomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Igisata c’inkino c’abigeme muri FFB carakoze ibikorwa rusangi ku kibuga citiriwe Intwari

 

Inyuma yaho igisata c’abahagarikizi muri FFB kigiriye ico gikoze mu gutanga inguvu zaco no guterera imifuko y’isima 100 ku nyubako y’ikibuga c’itiriwe Intwari , n’igisata c’abigeme nticasigaye inyuma .

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2023 isaha zibiri zo mugitondo ( 8h00) ku nyubako y’ikibuga citiriwe intwari , niho igisata c’umupira w’amaguru wa bigeme mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB kirongowe na Colonel de Police Kabura Eugénie catanga inguvu zaco mu gukora ibikorwa rusangi kuri ico kibuga .

Abakinyi b’imirwi itandukanye bari bitabiriye ivyo bikorwa rusangi ku bwinshi .

Colonel de Police Kabura Eugénie arongoye igisata c’umupira w’abigeme mu Burundi avuga ko igikorwa co kwubaka ikibuga citriwe Intwari ari igikorwa co kwitera iteka ari nayo mpamvu baje gushiraho inguvu zabo kugira bifadakanye n’abanya bujumbura.

Mwomenyako ivyo bikorwa rusangi vyari vyitabiriwe n’imirwi y’abigeme ishika kuri 20 yose .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 659