Ivyirwa vy’ibuhagarikizi vyari bimaze imisi igera kuri 6 biriko bihabwa aba nya Bujumbura vyaraye bisozerewe.
Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2023 isaha zibiri zo mu gitondo 8h00 i kiriri , aho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu ntara ya bujumbura ( APFB) ryasozera inyigisho zari zimaze imisi 6 ziriko zihabwa urwaruka rwo muri iyo ntara mu ntumbero yo kunonosora neza ubuhagarikizi .
Urwaruka rwaronkejwe izo nyigishisho rushika kuri 120 nkuko vyaraye bishikirijwe n’uwurongoye iryo shirahamwe Ndikumana Innocent .
Ndikumana Innocent arongoye iryo shirahamwe avuga ko ivyo vyirwa vyatanzwe mu ntumbero yuko muri iyo ntata hoza haraba inkino batarinze gutira abahagarikizi mu zindi ntara .
Mwomenyako ivyo vyirwa vyatanzwe n’abahinga bajejwe ivy’ubuhagarikizi mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bari mu gisata kijejwe guhagarikira inkino mu Burundi, mbere n’uwurongoye igisata c’abahagarikizi muri FFB Murengerantwari Evariste yari yishikiye muri ico kibanza .
Mwomenya kandi ko iryo shirahamwe ry’umupira w’amaguru mu ntara ya Bujumbura ariryo shirahamwe ryonyene rimaze kwiyumvira gutanga ivyirwa ku bahagarikizi baryo kugira ntibaze baraja gutira abagarikizi mu zindi ntara.