Alvin Smith ngo nta Mugambi afise wo kwiteranya Kuri Big Fizzo afata nka mukuru wiwe, canke Kuri Dj Paulin afata nka Boss wiwe kuko amuha ibiteramo akatari gake. Iyo niyo nyishu uwo muririmvyi yatanze bamubajije ivya ya ntambara.
Mu kiyago na Landry Promoter, uwo muririmvyi yavuze ko naho adashaka kwiteranya, ngo DJ Paulin ntiyabeshe, kuko nawe nyene ataraba umu Star ngo karya ka Odeur yavuze ngo nawe nyene yaragafise.
Naho ngo yigeze kuba agafise, uwo muririmvyi yavuze ko bitakiri co kimwe ubu kuko we ubu asigaye yambara Kandi akamota neza, bitandukanye n’uko vyari akiva mu buterere aja gukorera Kwa Kook k.
Uwo muririmvyi muri ico kiganiro yasavye abantu ko batahura ivyo DJ Paulin yavuze, kuko ngo ivyo yavuze bitandukanye cane n’ivyo abantu bumvise, kuko we ata muririmvyi n’umwe yatunze urutoke.
Alvin akaba abishikirije uko mu gihe B Face nawe aheruka kubafatira mu kwaha bose, akabakosora, nayo abandi n’abo batari bake bakaba babaye ba ntirumveko, kuko habuze ico babishikirizako.
Naho biruko, akamo DJ Paulin na Big Fizzo batewe ko gusabana ikigongwe, kuko ngo bari icitegererezo Kandi ngo babikoze vyoba vyiza, ntibarakitabira. Ariko umwe muribo, ariwe Dj Paulin aheruka gusaba ikigongwe abicishije muri Live yakoze muri ino ndwi twaraye turangije.
Ku batavyibuka, iyi nduru ikaba ikomoka ku majambo DJ Paulin yavugiye mu kiganiro Siren Vibe, aho yavuze ko hari abaririmvyi bamwe bamwe iyo bariko bakorera muma Studio, ngo aka Odeur kaduga, nayo Big Fizzo na yavuze ko agiye gutanguza intambara n’umudimudimu Kandi ngo uwo agiye gutanguza intambara nawe ngo s’umurundi kuko ata mudimudimu w’umurundi abaho.
Ubu rero bikaba bitoroshe kumenya iyo bizoherera, kuko bose ata n’umwe avuga canke yerekana ugushaka gutera intambwe ngo iyo ntambara icurehe, kuko icavuzwe ko bapfa co kibandanya gishinga imizi.