Entertainmenthomepagekirundi

Abafana ba Alvin Smith baramuhakije Ddhumba

Alvin Smith asubiye Kandi kurikoroza aho yavuga Kandi ku mugore wiwe bamwe baca bamufata mu kanigo, barimwo Ddhumba.
Alvin Smith nkuko y’ama yasubiye Kandi kugira abo ashimira, ariko agaruka cane ku mugore wiwe Nirnah abarizwa muri Canada.
Uwo muririmvyi yabwiye umutambukanyi wiwe ko ari mu bantu bamuhinduriye ubuzima hampande yo kuba ari umugore wiwe. Alvin Smith yavuze ko uwo mugore wiwe akwiye amashi avuye ku bantu, ariko Kandi akaba akwiye n’imigisha myinshi iva ku Mana.
Ayo majambo yavuzweko n’abatari bake, barimwo Ddhumba wa munyarwanda akunda gusubirwamwo Indirimbo. Aho yasubiye nawe kuvuga ko Alvin Smith n’umugore wiwe badakwiranye.
Ayo majambo yashikirijwe na Ddhumba, nawe ntiyorohewe kuko yakirijwe ibitutsi n’ababibonye, bishoboka ko ari abafana ba Alvin Smith, ariko bo mu Rwanda.
Hampande ya Ddhumba, abandi barimwo Burundi one the Map, Iry Tina the Queen, 2nd Runner up wa Miss Burundi, Puchi Vans Sweet umukunzi wa Double Jay n’abandi barengewe babura ivyo bashikiriza ariko bashireko ama Emoji arimwo ay’umutima, canke ay’imitima iri mu maso muri Commentaire.
Uwitwa Cubahiro yabwiye Alvin Smith ko naho abantu bamufata nk’umuntu yasaze, ngo ariko n’umuntu adasanzwe, kuko ari gake cane aho haboneka umugabo yemera ko umugore wiwe yakoze ibikomeye ngo abashe gushika aho ageze.
Abandi nabo bamushimiye ariko Kandi bamubwira ko buri gihe inyuma y’umugabo akomeye hama hari Umugore akomeye.
Ibi bikaba bishikirijwe mu gihe muka Alvin Smith yaheruka kwerekana amajambo yabwiwe n’abatari bake mu bamukurikirana, aho bamubwiye ko umugabo barikumwe mu rukundo badakwiranye na gato, kuko batanava hamwe.
Amushimiye Kandi mu gihe hari hagize imisi hagarukwako amakuru ya Hakimi umukinyi w’umunya Tunisie, akinira umugwi PSG, aho vyavuzwe ko uwo mugabo yatandukanye n’umugore wiwe ariko haba ikibazo c’ukugabura ubutunzi bwabo, kuko umugabo ata butunzi na bumwe afise ahubwo ngo bwashitse ku mazina ya Nyina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590