Abaririmvyi ngo bari bakwiye guca bugufi kuko kugira hit ngo ntibiguha vyose, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Nimbona Jean Pierre Kidum benshi Bazi nka Kidum.
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo Mugabo abarizwa mu gihugu ca Kenya, yavuze ko ataho arabona Hit bayivunja umugore, canke ngo bayivunje n’amafaranga Kuri Banki.
Kidum yasavye abaririmvyi gusubira amaguru hasi, kuko ngo n’ubuntu uba wagiriwe iyo uronse Hit, hama ikaguma mu mitima y’abantu.
Yagize ati :” Nta Muntu ndabona aja Kuri Banki ngo afise Hit ngo bace bamuha amahera aba akeneye, canke aje muri Famille akeneye gutanga inkwano, ngo atange hit bace bamuha umugeni. Nitwitonde dusubize amaguru hasi. Hit uyifise ubu, hanyuma ugaca ugira amahigwe ikaguma canke ikazoguma mu mitima y’abantu bagukunda uzoce ushimira Imana, kubera izoba ari ubuntu yakugiriye.”
Ubwo butumwa bukaba bwatanzwe na Kidum mu gihe hagize imisi hari zuguruzuguru mu baririmvyi aho batariko barabana ryiza, abatari bake bapfa ivyashikirijwe Kuri Big Fizzo, abandi bakagaruka ku biheruka kuvugwa Kuri DJ Paulin agiye gutwara abaririmvyi bahoze muri Bantu Bwoy hanze.
Kidum akaba ata ruhande arerekana ko ashigikiye, ubona ko akatari gake akunze gushikiriza ko indyane ziri mu muziki hano iwacu ngo zari zikwiye guhera, abaririmvyi bagasenyera ku mugozi umwe kuko ngo aribwo buryo bwonyene buzotuma umuziki wa hano iwacu utera imbere.
Kidum nawe agiye gukorera ibiteramo ku mugabane wa buraya, aho azohurira na Drama T mu gihugu c’Ububirigi, aho we azokora igiteramo mu ntango z’ukwezi, ariko Drama T we akazokora mu mpera z’ukwezi.
Mu kiganiro DJ Paulin aheruka gutanga ku bijanye n’ico giteramo, uwo Mugabo ariko afasha Drama T ku bijanye n’itegurww ry’ico giteramo, yavuze ko ata bwoba bafise bw’abantu kuko bazohurirayo na Kidum, kuko ngo abafana ba Drama T ngo bazoja mu giteramo, naho Kidum nawe azoba yahaciye.
Nayo ku rubuga rwa Whatsapp rw’umwe muba Promoter b’ibi biteramo vya Kidum ku mugabane wa buraya, habonetse umwe mu bantu bashima cane kubera uwo muririmvyi yabashije gutegura igiteramo mu Bubirigi, kuko ngo urunganywe rwabo, bataheruka kurwibuka mu biteramo bitegurwa.
Ku batavyibuka, Kidum guhera muri uku kwezi Kwa 5, akaba azomara igihe kitari gito kuri uwo mugabane , aho azokora ibiteramo bitari bike, birimwo ico mu b
Bubirigi, Norvege, Ubwongereza n’ahandi.