Mu gihe agahengwe katari bwaboneke kubera amakuru ya wa munonotsi w’umugabo aheruka kumenyekana ko agiye kuzohiganwa ari umunya Espagne, none Francine Niyonsaba nawe akojeje agati mu ntozi.
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo munonotsi karuhariwe yidogeye Comite National Olympique ko ataco bariko barakora ngo habashe gutegurwa ibikorwa vya Jeux Olympique bizobera i Paris 2024.
Yagize Ati :” N’ama nerekanye ingorane abanonotsi bahura nazo, ndavuga abatwara inkino bamwe bamwe ko ata rukundo bafitiye iterambere ry’inkino mu gihugu cacu. Bikuremwo kwikunda, bica intege abazikora. Paris 2024 iriko iregereza, CNO du Burundi bobo nubu ntaco bibabwiye mu kuzitegura.”
Kubera induru akoma buri gihe muri uwo muce wo kwinonora imitsi, Francine Niyonsaba hari abamushigikiye ko bibaye bishoboka yohabwa ikibanza muri uwo mugwi kugira ibibazo bimwe na bimwe bikemuke.
Uyu akaba ariwe munonotsi amaze kwerekana n’agashavu kenshi cane ko ivyo abanonotsi b’abarundi bakorerwa atari vyiza na gato. Muri Ivyo bishikirizwa, hakaba harimwo n’ibimaze kumushikira, aho yarenganijwe muri amwe mu mahiganwa yari yitabiriye ariko ntivyakunda ko bamurenganura kuko uwuserukira Uburundi atari hafi ngo abikurikirane.
Francine Niyonsaba asanzwe yimenyereza mu bihugu bikomakomeye birimwo America, Italy n’ahandi akaba we yagumye afashe Ibendera ry’igihugu, mu gihe mugenziwe Thierry Ndikumwenayo aheruka kurirekura mu gufata irya Espagne. Ubu muri Paris 2024 akaba azoseruka kw’izina rya Espagne nkuko biheruka kwemezwa.