Entertainmenthomepage

Rally Joe ngo abahinyanyuzi bikubite agashi

Ugukorana n’abahinyanyuzi bashasha, ngo aba kera babibonemwo kubavunira agagohe kugira bikebuke. Ivyo biheruka gushikirizwa na Rally Joe mu kiganiro The Star System.

Muri ico kiganiro, Rally Joe yavuze ko Ingabire z’abakora ama Video canke abaririmvyi, ziri ngaho hanze zikwiye kuronderera zigashirwa ahabona, kuko ngo ari nyinshi cane.

Rally Joe ngo abahinyanyuzi batari bake bamubwiye ko ariko akorana n’abana batazwi, ariko ngo ntatahura icotuma aja kurondera abazwi Kandi abatazwi bafise Ingabire zihwanye n’ico we aba yipfuza muri video yiwe.

Rally Joe yabwiye abamenyeshamakuru Big na Kivodo, ko abahinyanyuzi iyo ushaka gukora Indirimbo izosohoka mu gihe gito, ngo umuhinyanyuzi akayimarana amezi n’ayandi kugira abashe kuyiguha ngo uyisohore.
Ukwo Kuza kw’abashasha canke kubona abo bakorana baja kurondera abashasha, ngo bibahe akanya ko kwirimbura ngo bahebe ako kageso, kuko ngo akageso ko gutevya ibikorwa vy’abandi, gatuma n’abo warufise baguhunga bakaja ahandi.
Rally Joe ngo ntariko arashaka kuvuga nabi abo bakoranye, kuko ngo n’ubu baracakorana.
Muri ico kiganiro nyene Rally Joe yashikirije ko iyo ndirimbo yari gusohoka mu kwezi kw’12, ariko biza guhinduka kuko batashaka ko abantu bakira iyo ndirimbo uburyo badashaka.
Bunguruje igenekerezo, basanze amasanamu akwiye kwongerwamwo ibintu bitari nke, niko guca bashima kuyongeramwo,maze irateba gato, ariko birangira ibonetse.
Ikindi yashikirije nuko uwo mukobwa yakoze muri Clip asanzwe anaririmba neza cane, kuko ari nawe yakoze backing muri iyo ndirimbo nyene yabereye umu Queen Video.
Akaba yanaboneyeho akaryo ko kumushimira kuko ngo iyaba n’abandi ba Queen Video bafata nka nkama ako kazi bakora, ngo vyotumye ibikorwa bigenda neza gusumba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 547