homepagekirundi_Sports

Amb. Francine Niyonsaba Ngo ivyananiye CNO vyashoboye FFB, nico catumye babaterera

Amb. Francine Niyonsaba Ngo ivyananiye CNO vyashoboye FFB, none baciye babaterera

Umunonotsi Amb. Francine Niyonsaba asubiye Kandi gutunga urutoke Comite National Olympique ko ivyabananiye bikozwe na Federation y’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, none baciye bashima n’abo kugira ico baterereye mu kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru citiriwe Intwari.

Mu butumwa yanditse akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, AMB. Francine Niyonsaba yamenyesheje ko we n’abandi banonotsi 15 ngo baterereye mw’iyubakwa rya Stade Intwari imifuko 68.

AMB. Francine akaba yamenyesheje ko igituma bashimye kugira ico baterereye, ngo n’ukubera basanze hariho umugambi wo kwubaka Piste Syntetique. Yagize Ati :” icatumye twiyumvira iki gikorwa, nuko twumvise ko hazojako umusezero wa kijambere w’abanonotsi ( Piste Syntetique) narirya twahora dukorera mu bibuga vy’umusenyi bikatubabaza.
Turashimiye federation ya Football Kuri iyi nteguro y’iteka ku gihugu.”
AMB. Francine yabandanirije kuri Comite National Olympique aho yabasavye ko bokwikubita agashi, ahubwo bakaraba bagakora ivyo biyemeje kugira ntibize bigarukire mu majambo gusa.
Rikaba atari irya mbere, kuko yanaheruka gushikiriza kuri Comite National Olympique nyene ko batariko barategura Jeux Olympique zizobera i Paris mu 2024.
Yavyanditse ngo :” Tukanegura cane CNO ( Comite National Olympique) bisa n’ivyayinaniye kwubaka centre d’entrenememt mu mugamba.
Barabe bikubite agashi umugambi batanguje ntuzoherere mu majambo gusa.”
Mu babashije kugira ico bashikiriza, harimwo nk’umumenyeshamakuru Steven Derrick yashimye ico kintu abo banonotsi bakoze, cane cane akaba yashimye uwo Mutima wo kuja hamwe mu bufasha.
Naho Steve Yashimye yanagiriyeko abasaba ko bitogarukora ngaho, kuko ubufasha bikenewe ari ubutari buke. Muvyo yabashije gushikiriza harimwo gushikira abatakibasha kwitabira amahiganwa mpuzamakungu, gufasha mu gutunganya amahiganwa, n’ibindi.
Derrick ntiyabaye wenyene kuko n’abandi batari bake bashimye iyo ntererano y’abo banonotsi.
Mu gitigiri catanzwe na Francine Niyonsaba hakaba harimwo na Thierry Ndikumwenayo wa munonotsi agiye gutangura kwiruka kw’izina rya Espagne, inyuma y’imyaka yiruka yambaye umwambaro uriko idarapo ry’Uburundi.
Abo banonotsi baterereye muri ukwo kwubakwa bakaba Ari
1. AMB. Francine Niyonsaba,
2. Diane nukuri
3. Lt. Antoine Gakeme
4. Sgt. Olivier irabaruta
5. Thierry Ndikumwenayo
6. Eric nzikwinkunda
7. Onesphore nzikwinkunda
8. Rodrique Kwizera
9. Egide ntakarutimana
10. Lionel Nihimbazwe
11. Jean De dieu Butoyi
12. Bukuru Jean Marie
13. Francine Niyomukunzi
14. Yves nimubona
15. Therence Bizoza
16. Celestion Ndikumana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 636