Mbe mumenyera Mista Champagne azoja kuraba mama Kajala ryari? Aho aheruka muri Tanzania yari yamenyesheje ko afise umugambi wo kuzomurongora noneho bakabana nawe. Kuko ivyo Kajala avugiye muri Kenya, umengo Mista Champagne ntari mu migambi ya Vuba.
Uwo mugore akunzwe cane muri bino bihugu vya Afrika y’ubuseruko, cane cane Tanzania na Kenya, ubu abarizwa muri Kenya aho yajanywe n’ibikorwa bitandukanye vyo gufasha abana batishoboye.
Mu kiganiro yahaye Willy M. tuva umumenyeshamakuru wa Citizen Radio mu kiganiro Mambo Mseto, yavuze ko ukumenyerana kwoba arikwo kwabatandukanije na Harmonize, kuko uwo Mugabo yavuze ko akiri muto ngo ashobora kuba yashaka guhema kuko ngo ataramenyereye ivyo kugumana nk’izuru n’umunwa.
Nayo ku kibazo kijanye n’uko yoba yatandukanye nawe kubera ukumuca Inyuma, kuko ari naco bari bapfuye n’ubwa mbere batandukana, uwo mugore yaruciye ararumira yanka kugira ico abishikirizako.
Muri ico kiganiro nyene yabajijwe Ivya Mista Champagne aho yavuze ko uwo musore w’umurundi ngo ari incuti yiwe gusa, ngo ivy’inkundo ko wapi, kuko ngo arikumwe mu rukundo n’umunya Politike wo muri ico gihugu ca Kenya, Kandi ko bamaranye amezi, naho ivyo kwubakana batarabipanga.
Kajala akaba abishikirije mu gihe Mista Champagne we abwira Uwushaka kuvyumva ko gahunda ihari ya Vuba, ngo agiye kuja muri Tanzania guhura na Mama Kajala, bakaganira uburyo azotwara uwo mukobwa wiwe.
Ku batabimenye, Mista Champagne akaba yaramenyesheje aho yari muri Tanzania ko urukundo akunda Kajala rusumba urwo Harmonize akunda uwo mugore w’imyaka 41 y’amavuko.
Ikibazo cibizwa ni nimba uwo mugabo yoba ari muri wa mugambi wo gushusha urugamba, canke yiteguye guhangana n’uwo munye Politike w’umunyakenya asa n’uwatanguye gutwara agatima ka Kajala buke buke. Canke ari muri bamwe bagira bati ndaguma hafi mpaka mubonye mukampa ikibanza.
Mukibuka ko Mista Champagne yungukiye mu kuvugwa cane hafi ya Kajala, kuko yabashije kwunguka abantu batari bake bava muri Communaute y’abavuga ururimi rw’igiswahiri. Nkuko twigeze kubibashikiriza, hariho Video imwe ya Mista Champagne yabashije kuronka Views 1,000,000 mu misi 3 gusa.
Nayo Indirimbo yakoreye Kajala ikanakorerwa amasanamu yabashije kuronka Views 100,000 mu misi 6 gusa, ibitari bwabe Kuri uwo muririmvyi kuko Indirimbo Marcelina yakoranye na Big Fizzo ariyo yari ifise views nyinshi kuko yari imaze gukwiza Views 175,000 mu myaka irenga 2 isohotse.
Mista Champagne akaba atarabasha kugira ico ashikirije Kuri ivyo vyashikirijwe na Kajala ko afise uwundi mugabo barikumwe mu rukundo, Kandi na Kajala rikaba ryari irya mbere abashije gushikiriza kucoba catumye atandukana na Harmonize.