Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2023 aho umurwi Zanaco ukina mu cicaro ca mbere muri Zambia wari uramutse wakira umurwi Kansashi Dynamos Fc mu rukino rw’indwi igira 30 y’ihiganwa ryo muri Zambia , urwo rukino rwarangiye Zanaco itsinze igitsindo 1-0.
Ico gitsindo ca Zanaco cinjijwe n’umukinyi w’umurundi Moustapha Francis Njali ku munota wa 69 w’urukino
Fancis Njali akaba yaciye akwiza ibitsindo bibiri kuva aho aguriwe muri Zanaco FC
Mwomenya ko uwo mukinyi ari umwe mu bakinyi beza b’abarundi bama bakinishwa mu mirwi yabo kandi bakigaragaza.