Igihe B face atumirwa ku musi w’inkerebutsi, akanaronka akaryo ko gushikiriza ijambo umukuru w’igihugu, ngo imisi yakurikiye yamubereye mibi, ku buryo ashima kwandika ikete asaba imbabazi.
Naho ico ciyumviro casa na kimwe Drama T yahanurwa na Big Fizzo, akanagishira mu ngiro, we ngo ntavyashitse hiyo, kuko we yakoze ivyo Drama T atabashije gukora.
Inyuma yo gusugerezwa n’amajambo y’abantu, kuko ngo yavuze ibitavugwa Imbere ya nyakubahwa, agashitsi kakamusanga, yihutiye kubaza abegereye abatware nimba muvyo yashikirije birimwo ko Nyakubahwa ari I nigger y’urwaruka, yoba yavuze ibitavugwa, kugira arabe ko yokwandika asaba imbabazi.
Uwo muririmvyi mu kiganiro na Juste Gael, yavuze ko yabanje kubazwa ko ari abo mu nzego zo hejuru bariko baramubwira ko yamenje, nawe yishura ko ataribo, bamuhumuriza umutima ko ata kosa yavuze, kuko ngo ari kurya bari bamukeneye.
Muri ico kiganiro nyene, co kimwe no ku musi w’inkerebutsi, B Face yaravuze ko bamutumira ngo bamubwiye ko bakeneye kubona wa mustar wo mu ndirimbo, ngo arico gituma no mu kuvuga atashimye gukura inkofero n’ama Fumée nk’uwuri imbere y’umwubahwa.
Muri ico kiganiro nyene B Face yavuze ko ibintu yari yateguye ngo atabashije kubishikiriza vyose, kuko ngo yisanze, yamaze gupanika, kuko Ari imbere ya Nyakubahwa,
bimwe muvyo yari yateguye biba biragurutse.
Boniface yavuze ko abamuteye amabuye, banamutuka, ngo uwobashira imbere ya Nyakubahwa ngo nta nkeka nabo bobura ivyo bashikiriza Kandi baraye ijoro bandika, nkuko nawe vyamubayeko.
Aha mukamenya ko naho bari bamusugereje abarabira hafi ivy’umuziki, ngo bitabujije ko umukuru w’igihugu amugabira inkwavu, kandi ngo nizamushikira ngo azoca aba umwe mu bakomeye mu borozi b’inkwavu hano iwacu.