Muribuka tubamenyesha ko ya Ndirimbo Kirungo ya Double Jay yabuze irengero? Yasubiye Kandi kubona ariko ubu yabonetse ahandi hantu.
Ibura ry’iyo ndirimbo ku rubuga rwiwe rwa YouTube, vyari vyateje amakenga abateri bake, kuko bitari bitahuritse igituma iyo ndirimbo yabuze Kandi yari iriko irakundwa muri iyo misi.
Abatari bake bari batanguye kuvuga, abarimwo abanyarusaku bakaba bibaza igituma iyo ndirimbo yakuwe kuri urwo rubuga, abandi batangura kwerekana ama Theorie atandukanye.
Bamwe bari bashikirije ko boba bamutegetse kuyikurako, nayo abandi bakaba bavuga ko uwo muririmvyi yoba nawe yatewe ubwoba kuko ivyari vyahaciye.
Ibura ry’iyo ndirimbo ku rubuga rwiwe rwa YouTube, bikaba vyahuriranye n’inkuru ya Yaga Burundi yerekana uburyo uwo mugore Kirungo ztari yorohewe kubera ivyariko bimuvugwako, Kandi ivyariko bimuvugwako ata Kuri na kumwe kwarimwo, kuko yarenganijwe.
Iyo ndirimbo rero yasubiye Kandi kuboneka mu ndirimbo za Double Jay ariko ikaba yabonetse mu ndirimbo zashizwe Kuri za mbuga zigurisha umuziki.
Iyo ndirimbo nyene ikaba yanabonetse Kuri izo mbuga zigurisha umuziki, aho ubu abantu bashobora kuyumviriza ata nkomanzi Kuri izo mbuga, naho yari yakuwe Kwa Double Jay.
Ikivyihetse Inyuma rero kikaba kigoye kumenya, kuko hatazwi neza uwatumye ayikurako, Kandi hatazwi uwatumye iyo ndirimbo ishirwa Kuri izo mbuga zigurisha umuziki.
Kuko bishoboka ko itakuweko, ariko wari umukenyuro wiwe wo kugira isubire Kandi ikundwe gusumba, kuko nkuko vyabonetse abaririmvyi bamwe bamwe bakaba bari bamaze gutangura kuyikorera ama challenge.
Mwomenya KO iyo ndirimbo ari imwe muzafatiwe ibihano na CNC KO zitosubira kuvuzwa Ku nsamirizi n’imboneshakure mu Burundi.