Muribuka DJ Paulin amenyesha ko hari abandi baririmvyi bakorera ku mugabane w’uburayi, bazokorana na Drama T muri ca giteramo afise i Buraya? Ubu amazina yatanguye kumenyekana.
Bahaga umuririmvyi w’inararibonye mu Muziki wa hano iwacu, yabonetse Kuri Affiche imwe na Drama T ko bazoba barikumwe muri ico giteramo, vyavuzwe ko kizoba gitandukanye n’ibindi vyose bimaze gikorwa n’abarundi vyabereye mu bubirigi.
Abafana batari bake bakaba bagize ico bashikiriza Kuri iyo Affiche, aho abatari bake bagumye bagaruka Kuri ya Majambo yaheruka kuvugisha benshi ngo yashikirijwe na Drama T mu kiganiro yahaye Akeza.
Bamwe bakaba bamubwiye ko batavyibagiye, abandi bamubwira ko batangaye kuba azokwakirwa na bamwe yavuga ko bakora nk’imitima.
Abandi bamubwiye ko akwiye kugenda yigenze ibanga, kuko azi ko yanyereye kuba Diaspora azoba agiye kuririmbira.
Abandi n’abo bamusavye kutazonukira aba Diaspora ngo arabe azogende yitwaje udu Parfum dukwiye.
Ayandi makuru y’ivyo biteramo yabonetse, nuko iri ci uwo muririmvyi ashobora kurimara i Buraya, kuko hampande y’ubufaransa na Belgique, nabo muri Sweden n’abo ngo baramukeneye, hamwe n’ibindi bihugu biri ku mugabane w’uburayi.
Mukibuka ko atazokorera ngaho gusa kuko hariko haronderwa na Visa kugira igiteramo bariko barategura muri Canada kizobashe gukoreka. Murico akaba azoba arikumwe n’abandi baririmvyi nka Vania Ice na Double Jay.