abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Bigirimana Abedi yaraye afashije Kiyovu Sports gutsinda Gorila

Umukinyi w’Umurundi Bigirimana Abedi abandanya yigenza neza mu gihugu c’Urwanda.

Hari igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2023 aho umurwi Kiyovu Sports wari wakiriye umurwi wa Gorila Fc mu rukino rw’indwi ya 26 y’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Rwanda .

Urwo rukino rwarangiye Kiyovu Sports itsinze Gorila Fc ibitsindo 2-1 .

Igitsindo ca kabiri ku ruhande rwa Kiyovu Sports cinjijwe na Abedi Bigirimana akaba kandi yarakinye urukino rwose .

Nshimirimana Ismail batazira Pitchou bakinana nawe yakinye iminota 71 y’urukiko mugihe Bizimana Amissi ( Coutinho ) nawe yagumye ku ntebe yabasubirira abandi .

Kiyovu Sports yaciye ifata ikibanza ca mbere mu rutonde rw’ihiganwa n’amanota 56 ukana urusha umurwi APR Fc amanota atatu .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 664