Mu gihe abakiri bato bashinga insamirizi zabo baharurwa ku ntoke, Isaac yoba ari muribo, kuko yavuye gukorera abandi, akaja kwikorera muri Isaac TV, none amaze misi akoze mu nsamirizi yiwe.
Abo yakoreye bamufashe nabi, ngo nibo batumye uwo mugabo yashinga Isaac Tv na PJ Classic Fm, none ngo indoto zo guha akazi aba Jeune 100 arazigenze kuko ubu ngo ageze Kuri 30% z’izo ndoto.
Isaac mu kiyago na Home de Changement, yavuze ko naho yashinze insamirizi PJ Classic, ngo siwo wari umugambi wa mbere, ahubwo ngo umugambi wa mbere, kwari ugushira Isaac Tv Kuri Startimes.
Uwo mugambi ntiwahavuye ubaho, kuko yasanze amafaranga ari menshi, aca aja kuraba ivy’insamirizi uko bimeze, Niko gusanga vyo bitazimvye nk’uwo mugambi wa Startimes, abona kuyishinga.
Muri PJ Classic, Isaac ntari wenyene ngo arikumwe n’abandi bagabo 2, bamushigikiye muri ico gikorwa kitari coroshe.
Muri ico kiganiro Isaac yashimiye umuvyeyi wiwe kuko ngo yamuhaye ivyiyumviro, akamutera intege Kandi akanamusengera. Ivyo ngo n’ivyo vyari bikomeye cane mw’itangura ry’imigambi yiwe yose.
Isaac Kandi yabwiye Agaciro TV, ko ukwitwara neza imbere y’abari bamutumye agikorera Kuri Isaac Tv gusa, ngo n’ivyo vyamuhaye kuronka abafatanyabikorwa kugira abashe gushitsa umugambi wiwe wo gushinga i radio.
Naho wumva abivuga nkaho umengo vyari hirya y’ejo, Isaac avuga ko bitigeze kuba vyoroshe gushikako, kuko vyamusavye kuja ku yindi ndero ikomeye cane kugira abashe gutera imbere.
Isaac akaba yanagiriyeko anatanga impanuro zimwe zimwe kugira ushike kuvyo wipfuza, birimwo kwandika buri musi umugambi wiyumviriye naho hoba ari uwo wari wariyumviriye.
Kwama buri gihe wiyibutsa ko ushoboye gushika kuvyo ushaka, eka mbere no kugabanya amahera usohora, ahubwo wige kuziganya