Kuri uyu wa 25 Ndamukiza 2023 Emery Sun yavuze KO Ku ncuro yiwe yambere yuriye indege inyuma y’imyaka irenga 10 ariko arakora umuziki .
Baino umuririmvyi wa kera yamutumyeko muri Kenya kugira bakorane, bamwe ngo ntiyari kwitaba ubwo butumire kuko Baino ntakicumvikana mweho mwibazako yamushimiyiki?
Akiri ku kibuga c’indege yarasiguye neza ko urwo rugendo rwiwe yarufashijwemwo na Radio télévision Isanganiro muzi ko yaheruka no gutahuka ihiganwa rya Isanganiro Award ku ndirimbo yiwe “Tagata”.
Uwo muririmvyi wa kera Baino kugira aronke Emery Sun yaciye kubarongozi ba Radio Isanganiro vyumvikana KO akunda Impano yiwe.
Akivyumva Emery Sun ntivyamuguye nabi kuko aranasigura neza ko yemera cane Baino ngo nta muririmvyi asaza. Impano Iri muriwe arayubaha cane akanabizeza ko indirimbo bagiye gukorana bompi izoba ari iy’akarorero .
Yongeye aranashimira Air Kenya yamufashije iticket y’indege ndetse ntiyibagiye na Oscar yakoze ibishoboka vyose kugira agende aberewe
Nayo indirimbo izokorwa audio na Vidéo arangije ico gikorwa azoca agaruka mu Burundi , azoce arekura indirimbo yari yemereye abakunzi biwe yitwa ” Abayuda”
Ukwihangana kwa Emery Sun kukwigishiki? Imyaka irenga cumi indirimbo yiwe itabura mw’isanganiro Award ariko akayitahukana kuncuro igira 11 bigaca binamwugururira imiryango yo kwurira indege kuncuro yiwe yambere