Entertainmenthomepage

CNC yoba yafashije kugira Promotion y’izo buca zisohoka?

Mu gihe baheruka guhagarikirwa indirimbo, bazihora ko zirimwo amajambo canke amashusho atitura imico n’imigenzo y’abarundi, nubu basubiriye hari izindi zishobora kuzoba zimeze nkazo zigiye gusohoka.

 

Umusi uburongozi bwa CNC buhagarika izo ndirimbo, hari izindi ndirimbo zaciye zimenyekana ko ziri Inyuma, izo nazo nk’iya Natacha iri mu nzira, iyo nayo ikaba Cover yayo yabonetseko umuhwi.
Muri commentaire zabonetse, iyo bamwe bavuze ko ishobora kuzohagarikirwa muri Studio, imbere yuko umuhinyanyuzi aheza no kuyikora.
Nayo abandi ngo iyo ndirimbo ya Natacha, ngo izosohoka Natacha ageze ku mupaka yirukanga asohoka igihugu.
Alvin Smith we Yaramaze Kabiri yarabimenyesheje ko hariho Indirimbo yiwe nshasha iri no muri ya EP aheruka gusohora yise Ndakadame, nayo ikaba yaze gusohoka.

Alvin akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter akaba yibajije ico bazokorera iyo nshasha mu gihe muzo bahagarutse harimwo iziwe zibiri.
Kingorongoro nawe yaramaze kumenyesha ko hariho Indirimbo nshasha yiwe bakoranye na Big Fizzo Yise Nyash iri mu nzira, yabanje guhumuriza abantu ko muzahagaritswe iyiwe itarimwo.

Naho biruko, nawe iyiwe ishobora gushirwa muri ico gitigiri kubera Cover yasohowe ibonenako igisusu c’umukobwa cambaye ikareso, ata Kandi gahuzu karengako.
Iyindi ndirimbo iri mu nzira ni nka Legend RMX nayo vyamaze kuvugwa ko iri mu nzira nkuko vyabonetse Kwa Drama T, aho habonetse abaririmvyi batandukanye barimwo Lino g, Drama T, B face na DJ Philibert Kuri iyo cover.

Iyo ngingo yafashwe na CNC yo guhagarika izo ndirimbo ziganjemwo iza hano iwacu, ariko harimwo n’iz’abanyarwanda, ikaba itashitse ku nyota abatari bake, kuko bavuga hari hakenewe Ibiyago hagati ya CNC n’abaririmvyi.
Iyo ngingo ikaba yavugishije abaririmvyi, abamenyeshemakuru co kimwe n’abarabira hafi ivy’umuziki wa hano iwacu batari bake.
Sat-B yishongoye ku bandi baririmvyi aho we yamenyesheje ko muzahagaritswe atayiwe irimwo, ngo abaririmvyi nahagarike gukunda ivyarivyo vyose, gutyo ngo ama Concert azosubira kwitabirwa nka kera.
Sat-B akaba abishikirije mu gihe yaheruka kuvugira Kuri Micro za Siren Vibe ko ubu nawe asigaye akora Indirimbo z’urudandazwa nk’abandi. Ngo izishika ku mutima ngo asigaye akora nke kuko zitakirwa nkuko vyari kera.

Kuri urwo rubuga nyene Sat-B yemeje ko igituma abaririmvyi baririmba Indirimbo z’ibishegu, ngo nuko arizo zinjiza amafaranga, gutyo abaririmvyi bose baca baja kuraba ko bobaho, bacishije muri izo ndirimbo zifise Views nyinshi gusumba izindi.
Uwundi yagize ico abishikirizako ni Hosy irakoze umumenyeshamakuru wa Siren Vibe, aho yamenyesheje ko muvyo yabwiwe n’umwe mubo muri CNC aruko indirimbo zose zahagaritswe zitahowe amajambo ari mu ndirimbo, ahubwo ngo harimwo izahowe amasanamu ari mu ndirimbo, atitura umuco w’abarundi.
Uwundi yagize ico ashikiriza ni Meili aho nawe yifatanije n’abandi baririmvyi bafatiwe ibihano, naho we atarimwo mubo bafatiye ibihano.

Ariko kubwiwe ngo umuvyeyi mu guhana umwana ngo abanza kwereka umwana ikosa yakoze aho riherereye, hama ugahanura. Kubwiwe ngo hari hakwiye ibiganiro hagati ya CNC n’abaririmvyi b’abarundi kubw’iterambere ry’umuziki wa hano iwacu.
Abandi bagize ico bashikirizako ni nka Bobona na Nelly Nat bavuga ko CNC yakoze neza, kuko ngo ibintu vyari vyarenze ihaniro.
Umwe muba Manager b’abaririmvyi bahagarikiwe Indirimbo, yavuze ko urwo rwego rwoba rwibutse kwifuka bwamaze guca, kuko harimwo Indirimbo zahagaritswe zimaze imyaka irenga 30 zisohotse, na benezo baritavye Imana.
Abarundi akavuze Elsie Gretta barasaze, kuva hasohotse rurya rutonde rw’indirimbo zahagaritswe, haciye hakorwa Playlist Kuri Spotify y’izo ndirimbo, aho bayise Playlist ya CNC.

Iyo Playlist yahavuye utangura gukwirakwizwa ku mbuga zitandukanye zihurirako abarundi benshi, eka mbere n’ama Memes atangura gukorwa, aho berekanywe abafana ngo basaba umu Dj ko ashiramwo irya Playlist ya CNC.
Muri izo memes Kandi hari n’izabonetse zisa nkaho zishongora Kuri iyo ngingo, kuko ngo bo badaheruka kwumviriza insamirizi. Bivuga ko iyo bumviririza izo ndirimbo canke bazirabira ho zikirekuwe bazobandanya bazirabirayo.
Iyo nkuru y’ihagarikwa ry’indirimbo ntiyagarukiye ngaha iwacu gusa, kuko n’ibinyamakuru vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda navyo vyahavuye vyandika Kuri iyi nkuru, kuko hanarimwo Indirimbo z’abanyarwanda zahagaritswe.

Mu ndirimbo berekanye ko ari iz’abanyarwanda, hakaba hashizwemwo n’indirimbo z’abarundi, ariko abaririmvyi b’abanyarwanda bafashijemwo bagenzi babo. Murizo harimwo nk’inzoga n’ibebi ya Double Jay na Kirikou akili ft Bruce Melodie, Mpamagara ya Pizzo John ft Davis D hamwe n’ akadaje ya Alvin Smith na Juno Kizigenza.
Aha mukamenya ko izo ndirimbo ata nimwe yahagaritswe ku mbuga zitandukanye zaba izigurisha umuziki, canke izo kurabiraki bisanzwe nka YouTube, ahubwo zahagaritswe ku nsamirizi gusa.

Ikindi mwomenya ko nuko naho hari izo bavuze ko zitarimwo amajambo mabi ariko zifise amasanamu mabi, nazo zahagaritswe hose haba ku mboneshakure co kimwe no ku nsamirizi.
Ubu rero bikaba bigoye kuvuga izindi ngingo zizofatwa kuko hampande y’ibinyamakuru vyari vyakoze amakosa muri aya mezi 3, vyavuniwe akagohe, ariko Kandi bikana hamagarirwa Kuja Kuri CNC kugira vyerekwe aho bakoze amakosa, abaririmvyi bo nta wahawe ikaze ku biro vy’ico kigo ngo baje kubaza ivyabo uko bizoheza ngo bigende.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 547