Cedric Bangy ari mu baririmvyi batarya umunwa mu gushikiriza ko bari mu bagwaniye droit d’auteur kuva kera, yatumiriye abaririmvyi kuzokwitabira mu misi iza imyiyerekano, bazotunganya.
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, Cedric yamenyesheje ko bipfuza gusaba abo muri OBDEA, umugwi ujejwe gushira mu ngiro droit d’auteur, ko bokora akazi bahemberwa n’igihugu.
Uwo muririmvyi akaba amenyesha ko kuva mu mwaka wa 2011, nukuvuga haraheze imyaka 12, hashingwa ico kigo, ngo nta kintu kizima barabasha gukorera abaririmvyi bo basabiwe ico kigo.
Ivyo Cedric Bangi akaba abishikiriza ngo kuko muri iyo myaka yose, abaririmvyi batandukanye batabura kwitaba Imana bapfanye ubukene, Kandi bafise ibikorwa bakoze.
Muri ubwo butumwa ariko,.Cedric Bangy akaba yanaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko atari imyiyerekano ya Politique canke yo kugumuka, ahubwo ngo ni Imyiyerekano izoba mu mahoro y’abanyabuhinga, Kandi ngo izoba yanasabiwe uruhusha.
Ico cipfuzo ca Cedric Bangy kikaba kitabonywe neza na bose, kuko bamwe bavuga ko inzira yo kubisaba itari iy’imyirekano, ahubwo ngo abo bazoba barikumwe bobikora nkuko nawe yabikoze ngo vyoheza bikagira ikimaze, batarinze kuja mu myiyerekano.
Abandi bakabona ko bahonyoje ikirenge mw’ibarabara mu myiyerekano ngo bazoca baterwa vya vyotsi vyokera, bukoreshwa mu gushiragiza abari mu migumuko.
Abandi n’abo bakaba babona ko uwo muririmvyi yobanza akaraba agasigurira neza abo barikumwe muri ico gikorwa, kuko ngo abatari bake batazi vy’ukuri ico arico Droit d’auteur. Nayo we akaba yabishuye ko bamaze kubisigura akatari gake. Ngo hazogenda ababizi.
Nayo abandi batari bake bakaba bamushigikiye, bakaba banabona ko ahubwo vyoba igenekerezo rya 21/6 ku musi mpuzamakungu wahariwe umuziki kw’isi.
Ntiharamenyekana ko bizoba bitunganijwe na Cooperative Des Musiciens gusa, canke bazoba bafatanije na Amicale Des Musiciens kuko Cedric Bangy naho ari mu gitigiri c’abo muri AMB asanzwe atwara Cooperative Des Musiciens.