Entertainmenthomepage

Drama T akaba akwije aba Subscribe 100,000 Kuri YouTube yiwe

Mu gihe bwaca isi ihimbaza umusi mukuru wahariwe Abakozi n’akazi, Drama T nawe yahimbaje uwo musi akwijije abamukurikirana 100,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

 

Uwo muririmvyi akaba abakwije mu gihe Indirimbo ziwe 2 aheruka gushira ahabona, zose zigume zirabwa cane gusumba, Madam ikaba igeze ku 4.500,000, ITamporize ikaba igeze ku 1,500,000.
Muri uku kwezi Kwa 4, urwo rubuga rukaba rwungutse abantu barenga 7700 barukurikiranye, bisigura ko abasigaye 33,000 yabaronse mu kwezi Kwa 3, ari nakwo kwezi kwasohotsemwo Indirimbo ITamporize yakwije 1,000,000 mu misi 30 isohotse. Kuko iyo ndirimbo isohoka urwo rubuga rwari rufise abarukurikirana barenga Gato 70,000.
Uku kwezi Kwa 4 Kandi urwo rubuga rukaba rwabashije kuronka Views zirenga 885,000, zirimwo izabonetse Kuri ITamporize hamwe n’izagiye kuri Madam, kuko nayo muri Aya mezi 2, ukwa 3 n’ukwezi Kwa 4, yabashije kwinjiza Views zirenga 800,000.
Drama T ahimbaza abo bamukurikira akaba atakoze ivyo yaragize imisi akora, kuko ubu aterekanye ayo aheruka kwinjiza Kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube, kuko muri ayo mezi 2 aheze, uwo muririmvyi yerekanye incuro 2 zose amafaranga yinjije Kuri urwo rubuga.
Dufatiye ku biharuro yerekanye we nyene, hamwe n’ibiharuro Social Blade yerekana, uwo muririmvyi kuno kwezi Kwa 4 yinjije amafaranga arenga $3,500 arenga gato 10,000,000 fbu. Ayo akaba angana Kandi n’ayo yari yerekanye ubushize ko yinjije.

Gushika ubu hakaba hakirindiriwe ko Drama t asohora izindi ndirimbo, kuko mu kiganiro DJ. Paulin yaheruka gukora, yamenyesheje ko abantu batogira ikibazo Ku buke bw’Indirimbo za Drama T, kuko ngo imbere Yuko akora igiteramo mu Bubirigi no mu Bufaransa, yitezweko mu mpera z’uku kwezi, ngo azoba yamaze gusohora izindi ndirimbo 2, kuko zo zihari.

Drama T rero yitezweko kuja muri Canada gukora ibiteramo akaba ashobora kuzoronkerayo ka gashimwe ka YouTube gahabwa abamaze kurenza ababakurikirana barenga 100,000, kuko muri ico gihugu ayo handitswe ko urwo rubuga rukorera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 547