Umukinyi w’Intamba mu rugamba Abedi Bigirimana niwe mukinyi yashoboye gutahukana agashimwe k’umukinyi mwiza yaranze umwaka wa 2022 kitiriwe izina rya The Choice Award 2022.
Hari ku musi w’Imana igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2023 aho hatanga ubushimwe butandukanye bw’abakinyi bavyitwayemwo neza kurusha abandi mu gihigu c’Urwanda . ubwo bushimwe bukaba bwari bwitiriwe izina rya The Choice Award 2022.
Uwo mukinyi w’Intamba mu rugamba Bigirimana Abedi akinira umurwi Kiyovu Sporta yashoboye gutahukana ako gashimwe abanje guhiganwa n’uwundi murundi mwene wabo ariwe Hussein Shabani Tchabalala , Axel Mpoyo , Mugisha Moise hamwe na Maringa Kathbart .
Mwomenya ko umurwi Kiyovu Sports usanzwe ukinamwo Bigirimana Abedi ariwe murwi uri mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda .