Umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba hamwe na As Kigali mu gihugu c’Urwanda Hussein Shabani Tchabalala abandanya yigenza neza muri ico gihigu .
Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2023 , aho umurwi APR Fc wari wakiriye umurwi wa As Kigali mu rukino rw’indwi igira 27 y’ihiganwa ryo mu Rwanda , urwo rukino rwarangiye imirwi yose inganije igitsindo 1-1.
AS Kigali Fc niyo yatanguye gutsinda igitsindo cinjijwe na Hussein Shabani Tchabalala munyuma kigomborwa na APR Fc .
Mwomenyako Hussein Shabani akaba yaciye akwiza ibitsindo 14 mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda .