Umukinyi w’Intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssouf batazira Nyange yasubiye kugira imvune kuri kwa kuguru kwiwe .
Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2023 ,aho umumenyereza wa OGC Nice Didier Digard yaha ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru imbere y’uko batana mu mitwe n’umurwi wa Troyes ku musi w’Imana igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2023.
Mu majambo Didier Digard yashikirije yashoboye kumenyesha ko abakinyi bagera kuri 6 bazosiba muri urwo rukino rwabahuje na Troyes .
Muri abo bakinyi havuzemwo Ndayishimiye Youssouf Nyange aho yavuze ko agiye kumara igihe kirekire ataboneka mu kibuga kubw’imvune yagize mw’ivi ( Entorse au Génou), abandi bakinyi bagiye kumara igihe kinini bataboneoa ni Nicolas Pépé na Joe Bryan .
Mwomenyako iyo mvune ariyo yari yatumye Ndayishimiye Youssouf atitabira ku munota wa nyuma inkino zibiri ziheruka za kivandimwe zahuje Uburundi na Indonésie .