Abarundi baraye bakoze amateka mu gihugu ca Tanzania mu gutahukana imidari myinshi kurusha ibindi bihugu .
Ku musi w’Imana igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2023 , niho haraye hasozerewe ihiganwa ryo guhana umwereka (Judo) rihuze ibihugu vyo muri kano karere k’africa y’ubuseruko.
Abarundi baraye bakoze amateka adasanzwe mi gutahukana imidari 10 yose harimwo 7 y’inzahabu umwe w’ifeza n’uwundi umwe w’umujumbu .
Mu banonotsi 10 bagiye muri iryo higanwa ryabereye muri Tanzania , 9 bose bashoboye kuronka imidari .
Mukibuka ko mu mwaka wa 2022 igihugu c’Uburundi cashoboye gufata ikibanza ca 4 , ubu naho kikaba gifashe ikibanza ca mbere .