EntertainmentmusicUncategorized

Ukuzihagarika bishoboka ko zishobora guca zibandanya kurabwa gusumba

Uguhagarikwa kw’indirimbo zimwe zimwe, ngo bishobora kuba ari inzira nziza kur’izo kugira zibandanya zirabwa cane ku rubuga rwa YouTube, nkuko twabonye ababikoreyeko.

Mu gihe abandi barira ayo kwarika kuko Indirimbo zabo zahagaritswe n’ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora, CNC, I Kigali bo babifashe i bisanzwe.
Akoresheje igice ca Video y’ikiganiro Open Mic cari catumiwemwo uwuserukiye ico kigo, aho bariko bagaruka Kuri iyo ngingo, batanga akorera k’indirimbo Yalampaye ya Kivumbi King na Kirikou Akili,mu zifise amajambo adahumuriza, ariko we avuga ko ahubwo ivyo batobitako umwanya, ngo barabe bayishikane Kuri 1M views.
Kivumbi King Kuri urwo rubuga, yatewe Ingabo mu bitugu nkuko abanyarwanda bavuga n’abamenyeshemakuru nka lucky Nzeyimana, aho yavuze ko utanguye gusesangura Indirimbo nkuko bariko babikora, ngo ibintu biba bitanguye kumera nabi, kuko uwo avugwa ko yabahaye, ngo yabaye urukundo.
Ibi akaba yabishikirije mu gihe umwe mubarabira hafi ivy’inyungu z’abarundi Muyoboke Alexis, aheruka gushikiriza ko ivyakozwe bagahagarika Indirimbo ngo vy’ukuri bashobora kuba barihenze, kuko ngo ivyategerezwa gutangura gukorwa atarivyo vyakozwe.
Kubwa Muyoboke, ngo hategerezwa gutangura kugira isekeza ry’ukwigisha abaririmvyi uburyo bwo kubungabunga Imico biciye mu ndirimbo. Ariko Kandi ngo guhagarika izo ndirimbo Kandi hariho iz’abanyamahanga basa n’abavuga ivyo nyene ziriko ziravuga, ngo vy’ukuri uba urenganije bamwe.
Ikindi iyo nararibonye muri uwo mwuga wo kuraba inyungu z’abaririmvyi yashikirije, n’uko uguhagarikwa Indirimbo z’ubu Kuri Radio na Television Kandi zikibarizwa Kuri YouTube ngo abo baririmvyi bo ntaco babibonamwo kuko ziba zibandanya kwinjiza amafaranga ukuri kwamye.

Ubu rero bikaba bigoye kuvuga ikindi kizohava gica gikurikira, kuko uwaserukiye CNC yamenyesheje ico gihe ko mu misi ya Vuba hari izindi zizoshirwa ahabona, kuko Urutonde ngo rwari runini cane gusumba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321