Ukuboneka Kandi Kwa Madame Sofia Buyoya kwatumye abatari bake bibuka ibitari bike nkuko vyabonetse ku rubuga rwa Twitter.
Uwo muvyeyi yaramaze igihe ataboneka mu binyamakuru hano iwacu, yabonetse arikumwe n’umutambukamyi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye, ku rubuga rwa Twitter.
Ubutumwa bwaherekeje ayo mashusho, bukaba bwagaruka ku munezo wagizwe n’uwo mwubahwa kubera yahuye n’uwahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.
Handitswe ngo :” Ni umunezero ntangere kubonana no kuyaga na Nyakubahwa Sofia Buyoya, umutambukanyi w’uwahoze arongoye Uburundi Petero Buyoya. Imana Ibahezagire Kuri uwo Mutima w’urukundo yongere ibahe kugira amagara meza.”
#abatwip aribo barundi basanzwe babarizwa ku rubuga rwa Twitter bakaba bataretse kugira ico bavuga kuri ayo mashusho, aho abatari bake bavuze ko vy’ukuri biteye igomwe kubona amashusho nkayo.
Abandi bakaba bagarutse kuvyabaye hano iwacu igihe yarakiri mu kibanza c’umutambukanyi w’umukuru c’Uburundi, aho bavuze ko havuzwe ko uwo muvyeyi ariwe yatumye ireresi ryahora ryerekanwa ku mboneshakure y’igihugu RTNB ryitwa Sous le Soleil, rihagarikwa.
Umwe mu bagize ico bashikirizako akaba yaciye aja kurondera iryo reresi, ku rubuga rwa YouTube, aho yaciye avuga ko atahuye igituma yategetse ko barihagarika. Ayo majambo akaba yaherekejwe n’ishusho ry’iryo reresi abantu bariko barasomana.
Ku bavyibuka, ico gihe hakaba havuzwe ko igituma bayihagaritse ngo kwari kubera ivyerekanwa muri iryo reresi bitari ivyo kuraba abana.
Mukamenya ko ku mashusho hanabonetse ko uwo muvyeyi yarikumwe n’umuhungu wiwe mukuru Olivier Buyoya.