Uwuzwi nka Manager wa Drama T yoba hari ico apfana na Taruk Bashir?
Uyu ku batamuzi akaba ariwe atwara Interpetrol, company ijejwe kuzana igitoro mu Burundi.
Ico kibazo cibajijwe aho uwo mugabo asanzwe nawe ari umugwizatunga mu bijanye n’ubutambiro, n’ukuvyaza umusaruro umuririmvyi, yandika ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko hari umugenzi wiwe yarungikiwe ubutumwa n’i FOTO yiwe nyene abazwa nimba uwo Kuri iyo FOTO yoba ari Taruk Bashir.
Uwo mugenzi wiwe ngo nawe yaciye abimurungikira, noneho abura ico amwishira.
Uwo mugabo yaragize Kabiri ari ku minwa ya benshi, akaba ataretse kwishurwa n’abatari bake, kuko muri Commentaire Kuri Twitter haciye hagaruka amakuru y’igitoro.
Umwe mu bamusubije bamubwiye ko ariko ararota, DJ Paulin nawe amwishura ko aramutse ashoboye kuronka igitoro akuzuza itanki y’imodoka yiwe, ngo ntizizoba zikibaye indoto.
Uwundi yamubajije Version ya Taruk yipfuza iyariyo, nawe amwishura ko rimwe na rimwe mu Buzima abantu baba bakwiye kurota. Uwo nyene akaba yaciye amwisabira ko yomuronsa igitoro, DJ Paulin ntiyatevye, yamubwiye ko niyakironka ngo ari bumurye urwara.
Mu bagize ico bashikiriza, hari n’anamubwiye ko vy’ukuri basa, ngo nawe nyene mu kubona iyo FOTO ngo yikanze, noneho anamubwira ko uretse kuba bagomba gusa, ngo n’akazina nako komubera.
DJ Paulin ntiyamwirijemwo, yamubwiye ko icomubera atari izina ryiwe, ahubwo ngo ni Compte yiwe yo muri Banki. Mu yandi majambo ngo ubutunzi bwiwe.
Ubu rero ikibazo kigisigaye kitarishurwa, ni none ubwo Bizimana Paulin na Taruk Bashir boba bafise ico bapfana? Kuko gusa vyo bamwe batanguye kuvuga ko boba basa.