Entertainmenthomepagekirundi

Drama T yoba yagirije Bantu Bwoy ububeshi ?

Ivya Drama T na Management yahoramwo birakomeye, amakuru mashasha kuvyo boba barabesheye uwo muririmvyi wa Madam bibandanya kuja ahabona.
Uwo muririmvyi ashobora kuba yaragize imisi yagirizwa kuba ari umwana, aheruka guishira ahabona ko ubwo bwana bamwagiriza ataribwo na gato, ahubwo ngo imyaka afise ikwiye.

Uwo muririmvyi akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, yanditse abwira abantu ko imyaka afise atariyo myaka yabwiwe abantu baheruka kurenga 100,000 bamukurikirana ku rubuga rwa YouTube rwiwe.
Kuri urwo rubuga, haboneka ko uwo muririmvyi afise imyaka 21 y’amavuko, kuko yavutse mu mwaka wa 2002. Ariko bwa bundi ngo sivyo na gato, kuko afise imyaka irenga iyo banditse Kuri urwo rubuga.
Uwo muririmvyi yanditse avuga ko iyo myaka uwayanditse ari umwe muba Manager yahorana muri Label yasezeye, ariko Kandi aho naho nyene akaba atatomoye neza ko yoba ari Bantu Bwoy canke ari iyindi yoba yarabashije kujamwo imbere.
Ku batabizi, Imbere Yuko Bantu Bwoy imufata mu ntoke, Drama T yaraciye mu minwe ya Landry SB, hamwe na Amir Pro ari naho yakoreye Indirimbo Vovota yakoranye na MB Data, naho abantu batari bake babonye Mb Data gusa, Drama T ntibamwikoza.
Muri ubwo butumwa yatanze inyuma yo guhimbaza igitigiri c’abantu 100,000 bamukurikirana, uwo muririmvyi yavuze ko yavutse mu mpera z’imyaka y’1990, naho nyene ntiyatomora imyaka iyariyo.
Muri ubwo butumwa nyene Iradukunda Hery azwi nka Drama T akaba yasavye abantu guhagarika kwidoga, kuko we imyaka afise atari 21.

Dufatiye kuvyo yavuze, akaba Kuri iyo myaka 21 yanditswe, hokwiyongerako imyaka ishobora kugera Kuri 5, akaba afise nka 26.
Ibi uyu muririmvyi akaba abishikirije mu gihe muri ino misi nkuko abatari bake babizi, hari icuka kitari ciza hagati yiwe na Management yahoramwo Bantu Bwoy, ibishibora guca vyibazwa ko yoba aribo yavuga muri ubwo butumwa.
Kuba atatomoye neza uwatanze iciyumviro co kugabanya imyaka, bituma abantu batanguye guhanahana ayo makuru bose bashikiriza ibintu bitandukanye, umwe umwe agashikiriza uwo yibaza.

Uwo mukenyuro wo gushira abantu mu bibazo, n’ukwatsa umuriro hagati y’abafana, akaba ariwo mukenyuro ugize imisi uriko urakoreshwa, wanatumye Indirimbo ziwe ziguma zigarukwako cane, gutyo bigaca bituma ibiharuro Kuri izo ndirimbo bibandanya biduga cane.
Ku batakurikiye amakuru twari twagarutse Kuri uyu muririmvyi, nuko uku kwezi Kwa 4, uyu muririmvyi yabashije kuronka Views Kuri urwo rubuga zababa 900,000, zica zimwinjiriza amafaranga yababa 10,000,000 z’amafaranga ya hano iwacu.

Izo views co kimwe n’izari zabonetse mu kwezi guheze, zikaba zaje mu gihe uwo muririmvyi yagumye mu kanwa k’abafana batari bake, kubera inkuru zavuzweko na benshi zagiye zikurakunwa Kuri uwo muririmvyi.
Izo nkuru zimwe murizo ni nk’urukundo rwavuzwe hagati yiwe na Mow Kanzie, ubwinshi bw’ama Likes gusumba Views Kuri ITamporize, ubwinshi bw’ama Views yabonetse mu masaha 24, igurwa ry’ama Views, clip Video itavuzweko rumwe, ukwerekana amafaranga yinjije Kuri izo ndirimbo vyatumye bavuga ko yiyemeye, Visa ija I Burayi mu giteramo, irondererwa ry’ama VISA ya Canada, amajambo yavuze kuba Diaspora, ihamugwa rya Big Fizzo kubw’ubwo butumwa, n’izindi nkuru zitumye abantu batari bake bavuzeko.

Kuva abishikirije, abo muri Bantu Bwoy bashobora kuba barabwa n’ino nkuru bakaba ata kintu na kimwe barabasha kuyishikirizako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 586