Entertainmenthomepage

Kim Frans kuvaho vyakabere arikoze mu gahogo

Kimangu yamenyekanye nka Kim Frans, abenshi bamumenye mu bikorwa vyo gufasha abaririmvyi muri studio yiwe Kim Frans Record. Yabitanguye kuva mu myaka ya 2005, aho twovuga abaririmvyi nka Sat- B, Abakonangwe,Wawa,Pop G,Buramatari, n’abandi benshi tutarinze kudondagura, ariko ubu nawe agomba yerekane ivyashoboye mwibaza ko ari ibiki?

 

Asanzwe ataba mu gihugu c’Uburundi ariko uko umwaka utashe ntasiba kuza mu gihugu c’amavukiro umwaka 2023 ugitangura mu mezi yambere yarabonetse mu Burundi amatwi adusumira ngo yaramaze gusubira inyuma iyo sanzwe arangurira ibikorwa vyiwe vya Ku mugabane wa Buraya.

Nkuko twabibabwiye yaramenyerewe nk’umu manager w’abaririmvyi iyo aje mu Burundi niyo asubiye inyuma ntibireka kumenyekana.

Ubu naho ngo mumwitege igenekerezo rya 8 Rusama 2023 ngo aje n’ indirimbo yiwe yise “Rede Line”akazoyirekura ifise n’amasanamu yayo.

Mwibazako ubushobozi bwiwe bwo kuririmba bumeze gute? Hoho agiye kubandanya afasha abaririmvyi canke birahagaze agiye gukora indirimbo ziwe gusa?

Mubandanye mudukurikirana kuri Indundi Magazine inyishu ya vyose tuzoyikubariza

What's your reaction?

Related Posts

1 of 547