Entertainmenthomepage

Alvin Smith yerekanye umuririmvyi asa n’umunywarumogi

Mu gihe hari hamaze Kabiri induru zijanye n’ivy’ukunuka zagirijwe umugwizatunga akaba n’umu Dj, DJ Paulin zisa n’izacureshe, ubu naho hajemwo ivy’uko abaririmvyi basa.

Ivyo navyo bikaba biheruka gushikirizwa na Alvin Smith.
Kuri uyu wa mbere ku rubuga rwa Twitter rwa Alvin Smith, habonetse amajambo aho avuga ko hari abaririmvyi baboneka nkaho umengo banywa urumogi, ariko ngo vy’ukuri uperereje ugaca usanga ngo ata biyayuramutwe bakoresha.
Uwo muririmvyi we akaba ayatanze akarorero k’abo Bantu, mu gihe Kwa DJ Paulin ho ata zina we yari yashikirije, naho hirya no hino bataretse gutanga amazina ya bamwe bamwe.
Uwo muririmvyi yanditse agira ati :” Nukuri tuvuge ukuri, hari abasani uraba ugaca umuha Image direct kw’anywa urumogi Kandi ugasanga atanugw’anywa, ariko agasa n’abanywarumogi.
Par exemple jewe, asha umengo narakamiritse, nayo piiii ntanakamoto kavyo nzi.”
Uwo muririmvyi akaba abivuze mu gihe abaririmvyi batari bake hano iwacu bagirizwa gukoresha ivyo biyovyabwenge kugira bikunde babashe kuja muri Studio, ariko we akaba yemeza ko ata n’akamoto karwo arumva.
Ivyo vyashikirijwe na Alvin Smith bikaba bitakiriwe neza n’abamukurikirana, kuko abamushigikiye bamwagirije ibindi, ariko igitigiri kinini c’abo twabashije kubona, bavuga ko uwo muririmvyi ngo Yoba arukoresha.
Umwe yanditse mu giswahili ngo n’ukurumota aranarumota, uwundi nawe ngo kuba yabashije kuvyandika ngo vyerekana ko yari yamaze kurukoresha, nayo uwundi we aca amubwira ko akwiye kuraba akisuzuma kuko ngo nimba abantu bamubona ko umengo ararukoresha ngo amahigwe menshi nuko bishobora kuba arivyo.
Abamushigikiye ko atarwo akoresha n’abo, bakaba bavuze ko uwo muririmvyi ngo ico yikundira, naho yagirijwe urumogi ngo n’ingidi gusa. Iyo terme akaba ari nawe yayimenyekanishije, kuko kuva atangura kuyivuga cane, n’abandi baririmvyi bahavuye batangura kuyikoresha.
Uwo muririmvyi akaba ari umwe mu baririmvyi bamaze gutahura inzira zo gukoresha izo mbuga ngurukanabumenyi, kuko akatari gake, akunda gucokoza abamukurikirana Kuri Facebook bikarangira avuzwe cane, ari naco gishobora kuba cinyegeje inyuma y’ukwo kuvugwa cane.
Aha mukibuka ko Alvin Smith afise Indirimbo nshasha aheruka gushira ahabona, iyo nayo akaba ari NAKADAME iri muri ya EP nshasha aheruka gusohora, ikaba yasohoreye amasanamu, inyuma y’uko bahagaritse ku nsamirizi n’imboneshakure Indirimbo ziwe 2, Fata ingidi hamwe n’akadaje.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 547