Entertainmenthomepage

Drama T ntaravuga icatumye yerekeza I Kigali mu Rwanda

Kuri uwu wa gatatu, Iradukunda Hery benshi muzi nka Drama T yaraye I Kigali mu Rwanda, nkuko vyabashije kuboneka ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Uwo muririmvyi yaheruka I Kigali mu misi iheze, ntiyabashije kuvuga Kuri urwo rubuga ikimujanye muri ico gihugu, naho ahafise imigambi itari mike.
Urugendo rwa Drama T muri ico gihugu, twaheruka kubona, akaba yarikumwe na DJ Paulin, Vania Ice na Double Jay, aho bari bagiye mu bikorwa vyo kurondera ya Visa ya Canada. Ico gihe bikaba vyavuzwe ko baciye mu nzira yo hasi.
Imbere yaho akaba yari yagiye n’indege, ari naho yakiriwe n’ibimenyeshamakuru bitandukanye, kuko yarajenywe n’ibikorwa vy’umuziki bitari bike.

Ubu naho, uwo musore yabonetse naho agiye i Kigali n’imodoka yiwe, Kandi bikaba vyabonetse ko atijanye, naho atawuzi uwo bajanye, kuko ashobora kuba yakoze nka Alvin Smith, akaba yajanye n’umuhinyanyuzi kugira bikunde baveyo bahakoreye igikorwa.
Uwo musore yashitse I Kigali nka sambili z’ijoro, akaba afise ibikorwa bitari bike atarasohora, birimwo ivyo yakoreye I Kigali n’abaririmvyi batandukanye, barimwo Juno Kizigenza na Ariel Ways nkuko yigeze kubishikiriza yururutse indege ku kibuga c’indege ca Kanombe I Kigali.

Drama T akaba yerekeje muri ico gisagara, mu gihe yari yazindutse asohora Cover y’igiteramo afise I Bordeaux mu Bufaransa. Ico naco kikazoba ku musi wa mungu, yaraye akoreye Igiteramo mu bubirigi, aho azoba arikumwe na Bahaga. Ariko Kuco mu bufaransa hakaba hataramenyekana, abandi baririmvyi bazoba barikumwe, canke abazomwakira abaribo, na rirya gasanzwe habarizwa abatari bake.

Tukabibutsa ko Drama T n’ubu agiharurwako ivyashikirijwe na DJ Paulin uno musi aharurwa nka Manager wiwe, kuko yavuze ko Imbere Yuko akora ibiteramo azokorera mu bubirigi no mu bufaransa, azoba yamaze gusohora Indirimbo zindi 2. Ico gihe akaba yavuga ko akanya ariko gasigaye gusa, nayo ahandi ho, ngo izo ndirimbo zirahari.

Tugarutse Kuri urwo rugendo rwa Drama T rumujana mu Rwanda, nuko rwafashe inzira ya Bujumbura – Kirundo- Bugesera mu Rwanda – Kigali, urugendo rufata umwanya utari musi y’amasaha 6 ku muntu agenda aranyaruka, ariko atiruka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 543